Itabi : Uburozi bwica

Itabi ryica gute ?

Muganga Dr. Franck NZIZA

Muganga Dr. Franck NZIZA , asigura ko itabi ari icuririzi ( facteur de risque ), risongera isibe mugusinzikaza amagara y’uwuba asanzwe agendana indwara zitandukira ariko zigendanwa igihe kirekire ( maladies chroniques non-transmissibles ) : igisukari, ivuduka ry’umurindi w’amaraso, indwara z’umutima, indwara z’amafyigo, indwara zo mumutwe , n’izindi nyinshi . Itabi riratuma kandi umuntu ashobora gufatwa n’izo ndwara vyoroshe, kuko risinzikaza uturemangingo tugize ibihimba vyose vy’umubiri : amaso, urukoba, ubwonko, umutima, kuva kumutwe gushika kubirenge . Muganga Dr. Franck NZIZA , asigura kandi ko amahaha ariyo abangamirwa cane gusumba, kuko ariho umwotsi w’itabi ushikira

buri mwaka, kwisi yose, abantu bagera kubihumbi amajana icenda (900.000) nibo bahitanwa n’itabi , kandi batigeze barinwa , ahubwo kubera ko hariho abarinwera mubantu, ntibaje kurinwera ahiherereye

None kuki itabi ribandanya kurimwa? guhingurwa ? kudandazwa? kandi ari uburozi ?

Related posts

Ngozi: Baratabaza Kuronswa amazi n’amatara kw’ivuriro ritoya ryo mu Gakere

Ngo irondoka rijanye n’amagara meza ririko risubira inyuma

Gufana Match ihuza FC Barcelone na Bayern Munich : Ibara ryaraye riguye mu Gisyo