
Nubwo ribandanya kurimwa , guhingurwa no kudandazwa ukuri kwamye , ahatari hake kwisi , no muburundi harimwo , itabi ryica abantu barenga imiliyoni 2 kwisi yose , buri mwaka .
Itabi ryica gute ?

» Itabi , yaba iry’amababi canke iryahinguwe, n’uburozi kumagara y’uwurinwa , eka ndetse no kuwuba ari hafi y’uwuriko ararinwa , kuko ririmwo ibirigize birenga ibihumbi 4 , kandi ibihumbi bitatu murivyo akaba ari uburozi bitari bikwiye ko bwinjira mumubiri w’umuntu » : Vyemezwa na Muganga Dr. Franck NZIZA , yanonosoye ivy’intunga magara .

Muganga Dr. Franck NZIZA , asigura ko itabi ari icuririzi ( facteur de risque ), risongera isibe mugusinzikaza amagara y’uwuba asanzwe agendana indwara zitandukira ariko zigendanwa igihe kirekire ( maladies chroniques non-transmissibles ) : igisukari, ivuduka ry’umurindi w’amaraso, indwara z’umutima, indwara z’amafyigo, indwara zo mumutwe , n’izindi nyinshi . Itabi riratuma kandi umuntu ashobora gufatwa n’izo ndwara vyoroshe, kuko risinzikaza uturemangingo tugize ibihimba vyose vy’umubiri : amaso, urukoba, ubwonko, umutima, kuva kumutwe gushika kubirenge . Muganga Dr. Franck NZIZA , asigura kandi ko amahaha ariyo abangamirwa cane gusumba, kuko ariho umwotsi w’itabi ushikira

buri mwaka, kwisi yose, abantu bagera kubihumbi amajana icenda (900.000) nibo bahitanwa n’itabi , kandi batigeze barinwa , ahubwo kubera ko hariho abarinwera mubantu, ntibaje kurinwera ahiherereye
None kuki itabi ribandanya kurimwa? guhingurwa ? kudandazwa? kandi ari uburozi ?
