Ivyo Dukora
Guhayanisha Ivyo Mukora
Kaze kurubuga mumenyekanishe ivyo mukora , mubicishije kurubuga rwacu!
Mwiphuza ko abantu isinzi bahurumbira ivyo mukora ? Mwipfuza ko izina ryanyu ricika rurangiranwa ? Ntimuje kure . Urubuga rwacu rurabibafasha, kandi indoto zanyu zikaba ukuri. yaba abafise imitahe mitomito, eka ndetse n'abafise inganda n'amahinguriro y'imitahe minini minini, turiho kubwanyu.
Kumenyekanisha Izina Ryanyu
Gukorana natwe, bituma izina ryanyu rishika kure cane , mukaba rurangiranwa . Urubuga rwacu rukoreshwa n'abantu isinzi bo mumice itandukanye,bava mumihingo myinshi itandukanye, baheza bagashikana kure ibikorwa vyancu , bigahurumbirwa n'abakiriya isinzi.
Uburyo Bwiza Bwo Guhayanisha
Tubafitiye uburyo bwinshi butandukanye bwo guhayanisha ivyo mukora, yaba muburyo bwamasanamu, ivyapa, amashusho n'amajwi, bikoze neza cane .Abahayanisha ibikorwa vyabo barashobora guhitamwo uburyo bipfuza ko ivyabo bimenyekana , bivanye nivyo bakora.
Ivyo Dukora
Turabafasha gushingura neza muburyo bw'amashusho ibihe vyiza vyanyu: iminsi mikuru, imanza, ingendo, n'ibindi, tukabikrana ubuhinga buhanitse kandi buhuye n'ibihe tugezemwo, kandi tukabikora muburyo muvyipfuza.
Bimwe muvyo dukora n'ibi :
Amareresi
Turafise abahinga b'inzobere mukurema amareresi, yigisha, agakabura ubwenge agatera kwiyumvira ,no gukangurira uwuyiravye wese guhindura ingendo , kwikebuka , no gutera intambwe ija imbere .Ubuzima bwo mukibano, muhira , eka ndetse no kukazi, turabakorera inkuru zishingiye k'ukuri , tubanje gukora ubushakashatsi buhanitse, tukabicisha mumasanamu meza cane , twifashishije ibikoresho kabuhariwe.
None muripfuza gushingura ubuzira herezo ibihe vyiza vyanyu ?
Ibiganiro Bica Ku Mboneshakure
Turakora ibiganiro bica kumboneshakure , vyiza kandi vyigisha, tugashishamwo indirimbo za hano iwacu mu Burundi no mumakungu.
Amateka Na Kahise
Turakora inkuru n'ibiganiro bishingiye kumateka na kahise kanyu, urugendo rwanyu, gushika mugere aho mugeze uno munsi, intambamyi wagize, n'uturusho wungutse, n'ingene wabigenjeje kugira ugere aho ugeze . Aha dushimikira ahanini kuvyakuranze bifitaniye isano naho ugeze uno munsi.
Gukora No Gushikiriza Imanza N'iminsi Mikuru Vyanyu Ikibiriraho
Yaba amanama , amakoraniro, ibiteramo , imanza, ibikorane, amasengesho n'ibindi bitandukanye, vyose turabibafashamwo mukubishikana kure, kwisi yose bakabikurikira,na ikibiriraho, kuburyo uwutaronse amahirwe yo kuhashika, abikurikirana neza ukuri kwamye kandi ntihagire nakimwe kimucika.
Gukora Ibihayanishwa
Turakorabafasha kunyugwisha abenegihugu kugira bahurumbire ivyo mukora, turaheza tukabakorera ibihayanishwa , bikozwe kubuhinga bugezweho, kuburyo uwuvyumvise atokwigera yirengagiza kubashorera
Kwitabira Amanama N'ibiteramo
Turitabira amanama n'amakoraniro muba mwatunganije, kuva muntango gushika kumusozo, ibihe nyamukuru n'ibihe bisanzwe, dutuma ibihe vyanyu bihoraho.
Our Clients
Lorem ipsum dolor sit amet, consectetur adipiscing elit. Ut elit tellus, luctus nec ullamcorper mattis, pulvinar dapib, viva la vida penci design.
Apple Inc
Google Inc
Spotify Music
Amazon Corp
Facebook Inc
Stack Exchange
Snapchat Inc
Our Testimonials
Lorem ipsum dolor sit amet, consectetur adipiscing elit. Ut elit tellus, luctus nec ullamcorper mattis, pulvinar dapib, viva la vida penci design.