Ishirahamwe NTABARIZA rigiye gufasha mw’itangwa ry’akazi ku bahoze bapfunzwe barekuwe n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

Jean Marie Nshimirimana
Arongoye ishirahamwe NTABARIZA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 02/04 .Jean Marie Nshimirimana uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Ntabariza rijejwe guharanira agateka k’abanyororo ryamenyesheje ko rigiye gufasha mw’itangwa ry’akazi ku banyororo baheruka kuva mu munyororo biturutse Ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Jean Marie Nshimirimana akavuga uwo mugambi uzotangurira i Ngozi kw’igenekerezo rya 04/04 ukazohuza abahoze ari abanyororo bagera Ku 300 bamuka mu ntara za Ngozi ,Kayanza ,Kirundo na Muyinga.

Jean Marie Nshimirimana,agasaba amashirahamwe yose yoba afise ubuzi gufata mu mugongo uyu mugambi wo Kuronsa akazi abahora bapfunzwe,kuko ngo bifasha mu gusubira kwisununura abo bahoze ari abanyororo n’imiryango yabo

Related posts

Ishirahamwe Parcem rirakebura abo vyega kugira amatora agende neza

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Inama nkuru ijejwe Kumenyesha amakuru « CNC » yemereye urubuga Yaga gusubira gukora .