Urubuga Yaga rwahagaritswe vy’agateganyo n’urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura ukwo ibinyamakuru bikor

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa 4 igenekerezo rya 27/Ntwarante/2025 .urwego rujejwe gucungera uko ibinyamakuru bikora (C.N.C) rwahagaritse vy’imfatakibanza urubuga Yaga,kuberako ishirahamwe rikukira urwo rubuga EJEBUDI ritemerewe gukorera Ku butaka bw’uburundi.

Espérance Ndayizeye umukuru n’urwego rw’igihugu rujejwe gucungera uko ibinyamakuru bikora (CNC) mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa 4 igenekerezo rya 27 Ntwarante avugako ,urwo rubuga mu 2022 rwazanye urupapuro rusaba ko rwokwemererwa gukora nk’ikinyamakuru rutari rwemewe n’amategeko .Arongera akamenyeshako n’ishirahamwe urwo rubuga rwegukira AJEDEBU ritemerewe gukorera Ku butaka bw’uburundi ,arinaco gituma urwo rubuga ruhagaritswe vy’imfatakibanza mu gukora nk’ikinyamakuru guhera italiki 27 Ntwarante 2025.

Mw’itangazo urwo rubuga rwashize ahabona,rumenyeshako rwumviseko biciye mu nsamirizi n’ibinyamakuru iyugarwa ryagwo vy’imfatakibanza ,urwo rubuga rumenyeshako rugiye kwihutira kuvugana n’urwego CNC mu ntumbero yo guhabwa umuco iyugarwa ry’urwo rubuga

Related posts

Ishirahamwe Parcem rirakebura abo vyega kugira amatora agende neza

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Inama nkuru ijejwe Kumenyesha amakuru « CNC » yemereye urubuga Yaga gusubira gukora .