Leta y’Uburundi yashinze ibiciro ntabanduka vy’igurwa ry’ubutaka bwo kwubakamwo

Mw’itegeko nshikiranganji ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 27/Ruhuhuma n’abashikiranganji b’ubutunzi ,Inyubako,hamwe n’ubutungane ,Leta y’uburundi yashinze ibiciro ntarengwa ry’igurwa ry’ubutaka haba mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.

Nkuko tubisoma muri urwo rwandiko ,ubutaka buri hagati mu gisagara ca Bujumbura buzogurwa amafaranga angana imiliyoni 70 z’amarundi Ku buringanire bwa are imwe ,nayo mu mpera z’igisagara buzogurwa ibihumbi 800.Mu gisagara ca Gitega ubutaka bwo hagati mu gisagara buzogurwa amafaranga angana 19.200.000 Ku buringanire bwa are imwe ,Ku nkengera z’igisagara hakazogurwa amafaranga angana 960.000

Urwo rwandiko ruvugako mu bisagara bikuru,ibibayabaye ,hamwe na bitobito ,ikiguzo c’ivyo bibanza kizova Ku kuntu ubwo butaka butunganijwe hisunzwe ubuhinga bw’itunganywa bw’ibisagara.

Abo bashikiranganji basaba ubuyobozi bwo gutoza amakori,ama taxe ,ubw’itunganywa ry’ibisagara n’amatongo gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.

Related posts

Nine Casino juega con diseño, audio y emoción elegante

telegram sex video ✓ Discover Top Telegram Adult Channels ➔ Join Now!

Ishirahamwe Parcem rirakebura abo vyega kugira amatora agende neza