JACINTE : Ivyatsi bibi bigeramiye ikiyaga Tanganyika

Ikiyaga Tanganyika nikimwe gihanzwe amaso mw’iterambere ry’ubutunzi b’ubutunzi .Igitangaje n’uko ico kiyaga kigeramiwe n’imyanda hamwe n’ivyatsi bibi bikigeramiye bituma ibinyabuzima biri murico bigeramirwa nanarirya ico kiyaga ari ica 2 kw’isi mu burebure bw’ubumanuko havuye ikiyaga Baïkal mu gihugu c’uburusiya.

Nkuko tubibwirwa nabagereye ahantu bita Ku mase Ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika hari ivyatsi bibi vy’icimeza bita Jacinthe vyateye ikiyaga Tanganyika ,ivyo bigatuma ibinyabuzima biri mu kiyaga bigeramirwa.

Nkuko amasoko yacu abivuga ,ngo Aho muri ico kibanza hari utuzu tw’uburiro tutagira isuku ,imyanda y’ibitungwa vyororerwa Aho hantu vyose vyisuka mu kiyaga Tanganyika

Nkuko Ayo masoko yacu abandanya abivuga ,ngo haraheze imyaka 3 igisata kijejwe gusukura igisagara cararandura ivyo vyatsi ariko Ubu ntikibikora .Abenegihugu baba muriyo mucungararo ubuyobozi bwa mairie ya Bujumbura gukora ibishoboka vyose ivyo vyatsi birandurwe ,hongere hubahirizwe isuku Ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika .

Twagerageje kurondera umukuru w’igisagara ca Bujumbura kugira tumubaze iyo myidogo ariko twamukenye

Related posts

Ishirahamwe Parcem rirakebura abo vyega kugira amatora agende neza

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Inama nkuru ijejwe Kumenyesha amakuru « CNC » yemereye urubuga Yaga gusubira gukora .