Gufana Match ihuza FC Barcelone na Bayern Munich : Ibara ryaraye riguye mu Gisyo

Inzu yaraye ibabomokeyeko aho bariko barorera urukino rwariko ruhuza Barcelone na BayernMunich, ibitigiri vy’abababaye bikaba bitaramenyekana

Hari nk’igihe c’isaha zitatu n’igice z’ijoro(21h30) zo kuri uyu wa 23 Gitugutu 2024, mu gisagara ca Bujumbura , neza na neza muri karitiye Gisyo yo muri zone Kanyosha hafi y’ikiraro kiyigabura na Kibenga, aho abafana b’umugwi wa Bayern Munich bari batanguye gutamba bishimira igitsindo Bayern yari ihejeje gutsinda igombora Barcelone, maze inyubakwa igeretse hakoreshejwe imbaho yari isanzwe icururizwamwo umutobe wa fangasi (Fungus) bariko barabiramwo umupira ica ibasenyukirako bakorokera ku mabuye yari ashashe munsi.

Olivier Karabagega, umukuru wa karitiye Gisyo

Nk’uko vyiganwa na Olivier Karabagega, umukuru wa karitiye Gisyo, agira ati  » iryo dari ry’imbaho ryakorotse ryari nko ku metero 5 uva hasi uja mu kirere, maze abantu barenga 100 bari bayicayeko bakorokana n’intebe bari bicayeko barwa ku mabuye yari munsi y’iyo dari. » Nk’uko yabandanije abitwiganira, amakuru yo gushika nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango (12h) amenyesha ko ibiharuro bafise vy’imfatakibanza ariko bataremeza neza n’uko abantu bashika 4 aribo boba bamaze kwitaba Imana, abandi barenga 30 bakaba barakomeretse harimwo abagize imvune zinini.

Amakuru abandanya ava kuri bamwe mu barokotse muri iryo sanganya, n’uko bamwe muri bo bataye ubwenge, baja kwikangura basanga babasahuye ivyo bari bafise vyose nk’amaterefone, ibirato, amafaranga n’ibindi, nk’uko bivugwa n’umwe mu barwariye mu bitaro CMCK vyo mu Kinindo.

Uyo arongoye iyo karitiye rero aratera akamo abubaka amazu ko n’aho bubaka mubibanza vyabo bogerageza bakubaka inyubakwa zikomeye kandi bakabisabira uruhusha kubafundi ba komine muntumbero yo gukinga amasanganya nk’ayo
Nayo Lenus Havyarimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu biro vya komine Muha, akaba yatumenyesheje ko muri iyo komine basanzwe bafise ubunywero butari buke bufise amadari y’imbaho, ariko bakaba bategekanya kugira inama y’umutekano mu ntumbero yo kwigira hamwe ingingo bofata kugira bakingire abenegihugu

Related posts

Ishirahamwe Parcem rirakebura abo vyega kugira amatora agende neza

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Inama nkuru ijejwe Kumenyesha amakuru « CNC » yemereye urubuga Yaga gusubira gukora .