« Abipfuza gushira imitahe mu kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura bahawe ikiringo c’ukwezi kumwe kuva kuri uno wa 16 Nyakanga 2024, nayo imitahe ikenewe ikaba ari umuriyoni umwe » Bihejeje gushikirizwa na Fablice Manirakiza arongoye ishirahamwe Ubaka Nation Group ari kumwe n’Umushikiranganji w’inyubako Dieudonné Dukundane, aho bariko bugurura icese ibikorwa vyo gutegura ikibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura kuri uyu wa 16/9/2024
Abarundi bose atanumwe avuyemwo barashobora gushira imitahe yabo mwiyubakwa ry’isoko, muco bise »One Investment fund »
Ibintu nyamukuru twomenya muri ico gikorwa co kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura kizokorwa n’ishirahamwe Ubaka Nation group ni ibi :
Mu ntumbero yo kwitera agateka no kudasiga inyuma Umurundi n’umwe, haraguruwe imiryango kugira iyo nyubako ishigikirwe n’ikigega c’Abarundi bose b’abanyamitahe bise « One Investment fund »
Umutahe umwe ni amafaranga ibihumbi 103 vy’amafaranga y’amarundi canke amadorari
Inyuma y’imisi 4 bamenyesheje ico gikorwa, imitahe irenga amajana 300 yari imaze kugurwa hamwe n’imitahe irenga amajana 200 y’amadorari
Amafaranga umuntu azoba ashize muri iyo nyubakwa nk’umutahe azoyungukako kuko azoba ari ikigega ca bose
Umurundi arashobora kugura umutahe wiwe mu ma dorari kuko afise agaciro gusumba amafaranga y’amarundi
Ku bari hanze y’igihugu bashobora kubicisha muri banki iyo ariyo yose kuko hatanzwe numero ya konte
Ivyigwa vyakozwe ku bijanye n’ibizoba bigize iyi soko nkuru ya Bujumbura ntibiraba ntabanduka
Ibikorwa bitanguye uyu munsi vyo gukubura bikaba bizotwara ukwezi kumwe hakazoca hakurikira ivyigwa vy’Isi igize ico kibanza (études du sol)
Ikiringo co gutangura kwubaka kizomenyeshwa hanyuma . Muri ivyo bikorwa, hazoshirwa imbere urwaruka rw’Abarundi hakurikire abazifashishwa nk’abahinga
Uwo mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura uzokorwa mu kiringo kiri hagati y’imyaka 3 n’imyaka 5