Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE asaba abakozi ba Reta guhindura ingendo, kugira bagire ubwigenge mu bijanye n’amafaranga .
Muri rwa rugendo rwitiriwe Inkebuzo Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ariko aragira mu ntara zitandukanye, kuri uyu wa 23 Mukakaro 2024, aho yariko yifatanya n’abenegihugu bo muri zone Magara, komine Bugarama y’intara ya Rumonge mu bikorwa vyo guca imikobeko, yagarutse ku nyifato zitabereye z’abitwa aba « fonctionnaires »
Umukuru w’Igihugu yagize ati: « Muze murabe umukozi wa Reta ashitse ahantu. Ntibavuga ko bagwanira ibiti? Ibiti ni « kiti », intebe. Ashitse ahantu, acashika akicara ngo akazi k’ibwami kica uwicaye. Nta kintu na kimwe agukorera gishasha, ni nka wa muyaya mabuja wiwe amusigarana umwana. Umwana arize, ntashobora kumwonsa, nta bere agira, arindira ko inabuja azoza akamuhereza umwana w’iwe
Umukozi wa Reta nawe aronse amabanga, ariyicarira arindiriye ko azokurwa, uwundi nawe aze yicare. None tumeze ukwo twotera imbere gute ? »
Evariste Ndayishimiye akabona ko iyo nyifato ahanini ivana n’ukuntu inyigisho zitunganijwe, aho umwana akura akiga agaburirwa n’abavyeyi, yaja mu mashure yisumbuye akaguma asaba abavyeyi, mbere yaja muri kaminuza akiga ku buntu bagatako bakanamuha n’amahera, maze bakanamwigisha gusaba akazi, aho azokwama araja kurondera akazi (kudepoza). Iyo rero ngo aronse amabanga, ntaheza amenye ico ajejwe. Mbere usanga atunzwe n’ingurane (crédit) maze yagera gukukuruka bikamugora uko yibeshaho mu buzima bushasha aba atanguye
Umukuru w’Igihugu agahanura abakozi bakorera abandi kwama biyumvira ico bokora bakiyungunganya, kugira bagire ubwigenge mu bijanye n’amafaranga