Bitewe n’uko hari abata ubwenge , n’abamaze ku hasiga ubuzima inyuma yo kwihereza ikinyobwa sapor wine, kidasiba kwiha inkumbi mu rwaruka , abatari bake bagiye biyamiriza ico kinyobwa . inyuma y’akamo k’umushikiranganji w’ubudandaji, Marie Chantal Nijimere, ko Sapor yoja mu rugero rwinzoga zikaze Liquel, itondandarizwa ahariho hose, ingingo z’ababuramatari batandukanye zo kubuza kudandaza ico kinyobwa, inyuma y’akamo k’umukuru w’igihugu evariste ndayishimiye , ko kwiyamiriza ico kinyobwa, ko reta idashobora kwemera ko urwaruka rw’uburundi rwiyica.
BBN irahagaritse burundu , ihingurwa n’idandazwa ry’ikiyobwa sapor , kuko gihingurwa hadakurikijwe amategeko
Kuri uyu wa 16 mukakaro 2024, mukigo BBN kijejwe gusuzuma no kugenzura akanovera n’ubuziranenge baraye bafashe ingingo yo guhagarika, no kubuza ihingugwa n’idandazwa ry’ico kinyobwa. kubwa jeremie ngenzahayo, arongoye BBN , ico kinyobwa gihingrwa hatisunzwe amategeko, kuko categerezwa guhingurwa mumitobe y’ivyamwa, ariko akaba atacamwa nakimwe kirimwo. Agira ati » Wumvirije ico kinyobwa sapor ntakanovera k’umuvinyu wumvamwo, niyo mpamvu twafashe ingingo yo kugihagarika, kuko ivyo batumenesheje twasanze atarivyo bahingura. Ubu twamaze kuvugana n’umushikiranganji w’umutekano n’umushikiranganji w’ubudandaji, kugira ico kinyobwa gikurwe kwisoko, kuko ntibikwiye ko abantu babandanya bacihereza »
Tubibutse ko Sapor wine , ari inzoga ifise urugero rw’umwambiro rw’ibice 16 kw’ijana. itekeye mu gacupa ka plastique gapima mililitito 300, ahenshi ikagurwa amafataranga y’amarundi atarenga 2000. inyuma ya kik, sapor ikaba yari mu murwi w’inzoga zigisibije mu rwaruka , nka Karibu, Susuruka wine, n’izindi, ahatari hake mu micungaroro igize igihugu c’Uburundi, bazihurumbira ku bwinshi bitewe n’uko zikaze cane, ariko zikaba zizimbutse.