Umwana y’imyaka 13, Nzomurambaho Isaïe , avuka muri Komine Matongo y’intara ya Kayanza, ariko ubu akaba abana na mama wiwe ku Matafari muri zone Kamenge mu gisagara ca Bujumbura Avuga ko afise nyina, ariko ikibabaje, ngo nt’azi ko se w’iwe ahari canke adahari, kuko kuva avuka ngo nt’arigera amukubita n’ijisho. Ukwo kutamenya umuvyeyi vyatumye ataronka urupapuro rw’amavuka, mbere bituma ataronka uko yiga nk’abandi bana nk’uko yavyipfuza, ariko , nticabujije ko akora ivyo abenshi n’abize badashoboye, afise impano yo gukora iradiyo, kandi yari yipfuza kwiga kugira azokore n’imboneshakure , kuko yagarukiye mu wa 2 w’amashure y’intango.
Twamusanze mw’ibarabara « Boulevard de l’UPRONA » ariko aravugiriza akaziki abahita, iradiyo yariko arakoresha niyo yatangaza benshi
Nk’uko abitwiganira, yafashe utwuma tw’amaradiyo baba barataye mw’iyarara, araheza araterateranya yifashishije n’akabido, maze abona gukoramwo iradiyo ivuza umuziki ikoresheje « Bluetooth », mbere ngo urashobora no kwumviriza amakuru kuri FM
Uwo muhungu kandi yemeza ko akora n’amatara yo kumurika mu nzu
Ubwo buhinga rero ngo buramaze kumufasha kugura ngendanwa y’amafaranga 30.000Fbu akoresha mu kuvuza iradiyo yiwe ndetse ngo amaze kudandaza amaradiyo ashika kuri 5
Ubu naho ngo aratembera avugiriza abantu, uwumwiyumvyiriye akamucorera, mbere ku munsi ngo arashobora gutahana amafaranga ashika 2000Fbu
Uwo musore avuga ko afise indoto yo gukora imboneshakure (télévisions), n’ibindi vyuma vya « électronique », ariko ngo bimusaba kubanza kwiga amashure y’imyuga nyene, ariko ngo ntaburyo abona kuko nyina wiwe afise abana 6 kandi abasumira bose mu dufaranga adandaza imicungwe, nayo abo bandi bana bagatembereza abitumbura
Uwo mwana rero akabona ko mu gihe yoronka abamufasha kwiga yoshikira indoto ziwe, kuko yisanze afise ingabirano yo gukora ivyuma
Iciyongeweko ngo Isaïe ni umufana wa Real Madrid, ariko akaba akunda cane igihugu c’iwe camavukiro, ari naco gituma iradiyo yiwe iriko ayo mabendera 2