Ishure Maarif Foundation School : Ibirori vyo gusozera umwaka w’ishure

Abanyeshure bo kukigo Maarif i Bujumbura, bariko bavyina inambo ndangakaranga y’uburundi

Akanyamuneza, Intambo n’imvyino ndanga karanga, z’uburundi, turkiya n’ubuhindi, ibikino bitandukanye , nivyo vyarangwa, , Mubigo vy’ishure maarif foundation school , kuruyu wa 6 igenekerezo rya 29 ruheshi umwaka wa 2024, mu birori vyo gusozera umwaka w’ishure no gutanga impamyabushobozi kubanyeshure , abavyeyi n’abarezi bakoze neza .

abanyeshure bo ku kigo Maarif i Bujumbura, bo mumwaka wa mbere w’amashure y’intango, bariko bakina igikino co guhana hana ivyiyumviro kukamaro k’abavyeyi mu rugo

Mw’ijambo ryiwe, uwuserukira Turkiya mu Burundi , Alp ISIKLI ,yari yateye iteka ivyo birori, yamenyesheje ko inyigisho z’akanovera , ari imwe munzira zishikana kwiterambere rirama.

Alp ISIKLI,
Aserukira igihugu ca Turkiya mu Burundi

Alp ISIKLI yagize ati :  » Musanzwe mubizi neza ko gukomeza igisata c’indero, amagara y’abantu, n’igisata c’uburimyi , ari bimwe mu bizofasha gushika kuri ya mbono kazoza y’uburundi igihugu cifashe mu mwaka wa 2040, n’igihugu giteyimbere, mu mwaka wa 20260. Kino kigo kirafasha cane mu gutsimbataza no gukomeza ubucuti n’umuvukano, hagati y’uburundi na turkiya, Nino kwi yo mpamvu , mu buserukizi bwa turkiya mu Burundi, dushima cane ibikorwa n’umwimbu uva kwiri shure, tuzokwama tubashigikira, ninaco tubereyeho, ninayo mpamvu n’uno munsi nashimye kwifadikanya namwe muri bino birori. « 

Arol Arslan uwuserukira ishure maarif muburundi, akaba n’umuyobozi wiryo shure

Arol Arslan aserukira ishure maarif mu Burundi, akaba n’umuyobozi wiryo shure, yaribukije icatumye iryo shure ribaho, nico ryaje gufasha :

Arol Arslan yavuze ati  » Ikigo Maarif , ni urwego mpuza makungu rw’ubuserukizi bwa turkiya kwisi yose , mu gisata c’indero. catanguye gukorera mu Burundi, mu mwaka wa 2017, nico kigo conyene cemewe n’amategeko, gikorera hanze ya Turkiya, mu gisata c’indero, ku bubasha bwa reta ya turkia. Maarif ni ikigo giharanira inyungu z’abenegihugu , ku mpande zose zigize igisata c’indero, kuva mu mashure mato, gushika muri makuru.
Ikigo maarif, kiri mubigo 5 vyambere vy’amashure mpuzamakungu bihurumbirwa cane , Gikorera kumigabane 6 igize isi, mubihugu 52, tugeze ku bigo vy’amashure bigera ku 467 , ikigo kimwe ca kaminuza, ubu tukagira abanyeshure barenga 53000 .

Abanyeshure bo ku kiko Maarif i Bujumbura, Bariko Bavyina intambo ndangakaranga y’Ubuhinde
Abanyeshure bo ku kiko Maarif i Bujumbura, Bariko Bavyina intambo ndangakaranga ya Turkiya


Abanyeshure bacu tubigisha kutavirira imico n’imigenzo y’umwumwe wese. Ntawe duhatira kwijukira imico itari kavukire, umwe wese yiga imico yiwe, mu rurimi n’imigenzo kavukire vyiwe. gutyo bakoronka indero n’inyigisho ziriki kurwego mpuzamakungu . » Bishikirizwa n’umuyobozi w’ishure Maarif mu Burundi .

abarezi, n’abavyeyi, bariko bahabwa ama certificats d’honneur

Hambavu y’abanyeshure bahejeje umwaka wa 3 w’amashure yo kwimenyereza, abahejeje umwaka wa 6 w’amashure y’intango, n’abahejeje umwaka w’9 w’amashure yishumbuye . baronkejwe impamyabushobozi, hari n’abandibanyeshure batsinze amahiganwa mu nkino zitandukanye, baronkekwe igikombe, imidari n’impamya bushobozi, eka ndetse , n’abavyeyi kumwe n’abarezi bakoze neza, bararonkejwe ubushimwe .

kuva ibubamfu uja iburyo : ibendera ry’igihugu c’Uburundi, ibendera ry’ikigo Maarif, ibendera ry’igihugu ca Turkiya

Related posts

Ishirahamwe Parcem rirakebura abo vyega kugira amatora agende neza

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Inama nkuru ijejwe Kumenyesha amakuru « CNC » yemereye urubuga Yaga gusubira gukora .