Ciella Niragira : Muri Jeux olympiques i Paris

Mu mezi 2 aheze yaramaze guha Uburundi imidali 2 yose, umwe w’inzahabu mu nkino zabereye i Luanda mu gihigu ca Angola n’uwundi w’ifeza yaronse mu nkino ziheruka kubera muri CôtedIvoire. Ivyo bikaba vyatumye amanota yiwe yiyongera kugira yitabe izo nkino zihuza isi yose za Jeux Olympiques zizobera i Paris uyu mwaka wa 2024

Ciella Niragira : Ni Muntu Ki ?

Uyo mwigeme afise imyaka 21, asanzwe ahiganwa mu batarenza ibiro 78 mu rukino rwa Judo , Bivuye k’ukuntu yatwaye imidari mu mezi abiri aheze mu nkino zabereye i Luanda muri Angola no muri Côté d’ivoire vyatumye agira amanota yo kwitaba inkino za jeux olympiques zigiye kubera i Paris mu Bufaransa.

Ciella Niragira akaba ar’umunonotsi mu rukino rwo kunagana(Judo) mu murwi w’abatarenza ibiro 78, niwe munonotsi wa mbere atanguye kuronka ubwo burenganzira.

Related posts

Gufana Match ihuza FC Barcelone na Bayern Munich : Ibara ryaraye riguye mu Gisyo

Ihiganwa rya volleyballBeachWorldProTour: Ububirigi bwatahukanye igikombe mu bagabo, ubuyapani butahukana igikombe mu bigeme

Urunani bbc : uzotsindwa n’uwuhe mugwi ?