Urunani bbc : uzotsindwa n’uwuhe mugwi ?

Umurwi w’umupira w’amaboko BASKET BALL , Urunani bbc, bariko barondera kwisubiza agateka mw’ihiganwa ryo mu mupira w’amaboko mu Burundi, abakinyi 2 bavuye muri Afrika y’epfo nibo baguze

Abo bakinyi ni Naty Sibanyoni wo muri Afrika y’epfo na Dhieu Deng wo muri Sudani y’epfo abo bose gushika muri Rusama 2024 bahora bakina muri CapeTownTigers, umugwi washitse kure muri BAL4 kuko wagarukiye mu gice ca 2 gishira ica nyuma.
Abo bakinyi baje kwiyongera kuba bari basanzwe bafise n’abaheruka kugaruka bari baratijwe mu migwi itandukanye yo mu karere k’ubuseruko kandi bikavugwa ko hari n’abandi bakomeye bitezwe muri uyo mugwi.

Urunani usa n’umugwi uriko urikomeza kugira uze uheze ihiganwa ari uwa mbere mu Burundi maze baze baje guserukira Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu inyuma yo gutakaza ico kibanza mu mwaka uheze urushijwe na Dynamobbc
Ivyo biruko mu gihe ikirangaminsi c’ukuntu imigwi izohura mu gice ca 2 c’ihiganwa bise Elite8 cagiye ahabona aho imigwi 8 ariyo izogikina :Imigwi 4 yabaye iya mbere mu gica ca mbere citwa Road To Elite 8 ariyo Kernbbc, NewStar, Les Hippos, Gymkhana yiyongera kuri Urunani, Dynamobbc, Remesha bbc na Tigers bbc

Related posts

Gufana Match ihuza FC Barcelone na Bayern Munich : Ibara ryaraye riguye mu Gisyo

Ihiganwa rya volleyballBeachWorldProTour: Ububirigi bwatahukanye igikombe mu bagabo, ubuyapani butahukana igikombe mu bigeme

Ciella Niragira : Muri Jeux olympiques i Paris