Raoul Brillant Nganji: imidari 12, mumyaka 11.

Umusore w’imyaka 20 y’amavuka, rurangiranwa murukino rwa JUDO, Gushika ubu, Nganji amaze gutahukana imidari 12 : itanu y’inzahabu, itanu y’ifeza n’ibiri y’umujumbu. Amaze kuja gukina amahiganwa atandukanye haba ku rwego rwa EAC, canke rwa Afrika.

Raoul Brillant Nganji : ni muntu ki ?

Raoul Brillant Nganji yavukiye mu gisagara ca Bujumbura mu 2004. Yize amashure mato mato n’ayisumbuye muri karitiye Ngagara. Agifise imyaka 7, yahora akina n’abandi bana inikino zo kunagana kuri « cecinga » mu Ngagara. Abamubona babifata nk’ububandi, ariko wewe yarabandanije gukina kubera vyamuryohera, mu nyuma bimuviramwo umwuga. Abavyeyi biwe bagiye kumenya ko akina urwo rukino amaze nk’imyaka ibiri yaratanguye.
Ku ncuro ya mbere akinye, yatahukanye umudari w’inzahabu. Hari mu 2013. Mw’ihiganwa « championnat national des minimes » ryateguwe n’urunani ruhurikiyemwo abakina urukino rwo kunagana mu Burundi.
Mu 2021, naho atangura kuja gukina mu mahanga. Yahereye mu gihugu ca Tanzaniya, mw’ihiganwa ryitwa « compétition de la police EAC ». Ico gihe yatahukanye ikibanza ca mbere n’umudari w’inzahabu.

Raoul Brillant Nganji : uno munsi ageze hehe ?

Yaheruka mu mahiganwa abiri : ihiganwa rya « Abidjan african open » ryabereye muri Côte d’Ivoire aho yatahukanye ikibanza ca mbere n’umudari w’inzahabu, mu rukino rw’abakiri bato batarenza ibiro 60. Irindi yatahukanye umudari w’ifeza, mw’ihiganwa ryitiriwe « Marrakech junior african open », yabereye mu gihugu ca Maroc.
Akaba ahagaze mu kibanza c’umukinyi wa 5 kw’isi yose mu bakiri bato, batarenza ibiro 60. Akagira n’ikibanza ca 99 bamushize hamwe n’abakuze batarenza ivyo biro. Ibihugu 15, nivyo amaze guhonyazamwo ikirenge, kubera umukino wo kunagana (judo).

Related posts

Gufana Match ihuza FC Barcelone na Bayern Munich : Ibara ryaraye riguye mu Gisyo

Ihiganwa rya volleyballBeachWorldProTour: Ububirigi bwatahukanye igikombe mu bagabo, ubuyapani butahukana igikombe mu bigeme

Ciella Niragira : Muri Jeux olympiques i Paris