Ishusho y’iterambere ridakumira : Mu Burundi

Gutsimbataza iterambere ridakumira ni igikorwa c’uwariwe wese , mu ntumbero yo gushikira iterambere rirama no kurwanya ubukene . Vyavuzwe kuruyu wa 5 igenekerezo rya 07 Ruheshi 2024, aho hariko hashirwa ahabona icegeranyo ciswe ISHUSHO Y’ITERAMBERE RIDAKUMIRA.

Mw’ijambo ryiwe , umushikiranganji wo gushigikirana , imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Imerde SABUSHIMIKE , yarashikirije ko ico cegegeranyo gifise akamaro kanini, nk’umushinge mfatirwako wo gutsimbataza iterambere ridakumira , imwe munzira zizoshikana Uburundi kuri ya mbonokazoza y’igihugu cifashe : mu mwaka wa 2040 ; igihugu giteye imbere : mu mwaka wa 2060

Nayo Clara Anyangwe , aserukira igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kijejwe iterambere ridakumira n’iterambere ry’abakenyezi  » ONU-FEMME  » mu Burundi, yashikirije ko ari bwo bwa mbere Uburundi buronse icegeranyo c’ishusho y’iterambere ridakumira mu ndimi zigera kuri 3, harimwo n’ururimi kavukire  » IKIRUNDI « , ibizofasha abenegihugu bose gutahura vyoroshe ibirimwo. Yaranibukije ko icegeranyo caheruka c’ishosho y’iterambere ridakumira cari casohotse mumwaka wa 2012

Ico cegeranyo kigizwe n’ubumenyi n’amakuru ajanye n’iterambere ridakumira , na cane cane umukenyezi mu Burundi , gikomoka mu bikorwa vyaranguwe mu ntumbero yo gufashanya hagati ya leta y’uburundi , ibicishije mu bushikiranganji bwo gushigikirana , imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira , bufadikanije n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere ridakumira n’iterambere ry’abakenyezi  » ONU-FEMME « 

Mwomenya kandi ko muri ico cegeranyo, ibisata 17 arivyo vyashizwe imbere , ari vyo : Uruhara hamwe n’uburongozi bw’abakenyezi; Abakenyezi , amahoro n’umutekano; Amabi afatiye kugitsina akorerwa abakenyezi n’abigeme; Abatitaweho n’umubano udakumira; Abana n’urwaruka; Ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe; Ikibanza c’iterambere ridakumira mw’itunganywa ry’amafaranga akoreshwa; Ubutungane bufatiye ku butunzi n’ibituma umwimbu wiyongera ; Uruja n’uruza njabujambibe; Uburimyi n’ubworozi; Ibinyamakuru n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako ; Amagara y’abantu , umugera wa SIDA n’irondoka rijanye n’amagara meza; Indero n’ukwigisha gusoma no kwandika ; Ukuja hamwe n’ibindi bihugu n’ubutunzi njabukambibe ; Inganda zicukura ubutare n’amasoko ntanganguvu; Ukwegereza ibigo bitanga amafaranga ku bafise imigambi yo kwiteza imbere; Akazi kemewe n’amategeko; ibikorwa bidahemba no gutegekaniriza kazoza

Related posts

Ishirahamwe Parcem rirakebura abo vyega kugira amatora agende neza

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Inama nkuru ijejwe Kumenyesha amakuru « CNC » yemereye urubuga Yaga gusubira gukora .