mardi, juin 3, 2025

Ico Turi

Igikorwa Cacu Nyamukuru

Igikorwa cacu nyamukuru ni gutezimbere imico n’aakaranga vy’uBurundi, mugushigikira abahinga ndangakaranga n’abanyempano bafise ubuhinga mva-bwenge b’abarundi , mukubamenyekanisha , no mugushikana kure ivyo bakora , tubicishije mundimi zine ( ikirundi , igifaransa , igiswahili, n’icongereza )

Igikorwa Cacu Ca Kabiri

Ubwa kabiri , igikorwa cacu ni gusahiriza no guterera umuganda mw’iterambere rirama , muguha akaryo amashirahamwe yaba ayo muburundi, canke mpuzamakungu , eka ndetse n’abikorerutwabo , ko gushikiriza iciyumviro muburyo bwihariye .

Ihangiro Ryacu

BETV , nk’imboneshakure ikoresha ubuhinga bwa none , yihaye ihangiro ryo ikibanza cagutse , aho abikorerutwabo , abanonotsi, abahinga mva-bwenge , b’abandi batandukanye , co gushikiriza iciyumviro, no kumenyekanisha ivyo bakora

BeTV ni iki

BETV ni impfunyapfunyo z’amajambo y’icongereza ( Best Intertainment Television ) ni imboneshakure yigenga ikorera muburundi, idaharanira inyungu za politike( idakora ico cose kijanye na politike ) , yuguruwe icese kwigenekerezo rya 5 Gitugutu 2018 . Ni imboneshakure ikorera mubuhinga bwa none , mumasaha 24 kuri 24 , ishika mumihingo yose igize igihugu c’uburundi , eka ndetse no kumugabane wose wa Afrika , ibicishije Kumihora ya StarTimes ( ishene ya 106 & 781 ) no kuri Canal Plus kw’ishene ya 396 , no kumbuga hwaniro .
Abakozi ba BETV , ni urwaruka , bakorana ubwira n’umwete , mububangutsi ntangere , kandi bagakora ivyo bafitiye umumenyi bukwiye.

DCIM100GOPROGOPR0864.JPG

Aho Dukorera

Rohero 2, Q INSS, Boulevard de l’uprona numero 58, Bujumbura, Burundi

E-mail Yacu

contact@betvburundi.net

 

Inomero Za Telefone

+257 62 118 080

+257 77 565 636