Igikorwa cacu nyamukuru ni gutezimbere imico n’aakaranga vy’uBurundi, mugushigikira abahinga ndangakaranga n’abanyempano bafise ubuhinga mva-bwenge b’abarundi , mukubamenyekanisha , no mugushikana kure ivyo bakora , tubicishije mundimi zine ( ikirundi , igifaransa , igiswahili, n’icongereza )
BeTV ni iki
BETV ni impfunyapfunyo z’amajambo y’icongereza ( Best Intertainment Television ) ni imboneshakure yigenga ikorera muburundi, idaharanira inyungu za politike( idakora ico cose kijanye na politike ) , yuguruwe icese kwigenekerezo rya 5 Gitugutu 2018 . Ni imboneshakure ikorera mubuhinga bwa none , mumasaha 24 kuri 24 , ishika mumihingo yose igize igihugu c’uburundi , eka ndetse no kumugabane wose wa Afrika , ibicishije Kumihora ya StarTimes ( ishene ya 106 & 781 ) no kuri Canal Plus kw’ishene ya 396 , no kumbuga hwaniro .
Abakozi ba BETV , ni urwaruka , bakorana ubwira n’umwete , mububangutsi ntangere , kandi bagakora ivyo bafitiye umumenyi bukwiye.
