lundi, octobre 27, 2025
Home Ubutunzi Atamahera y’agaciro : Ntampuzu z’agaciro

Atamahera y’agaciro : Ntampuzu z’agaciro

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Ikibazo c’ikena ry’amahera y’agaciro mva-makungu cibonekeza uno munsi mu Burundi kiragira ingaruka mbi ikomeye ku benegihugu nka bose muri rusangi . Akarorero ni kubasanzwe bakora umwuga wo kudandaza impuzu baziranguye hanze y’igihugu, bo mugisagara ca Bujumbura .

idandarizo ry’impuzu , mugisagara ca Bujumbura

Abo twashoboye kuyaga , basanzwe bakora uyo mwuga, baridoga ko bariko bakora bahomba  » ubu ntitukija kurangura hanze y’igihugu , bitewe no kubura amahera y’agaciro, duca duhitamwo kurangurira kubandi bashoboye kuronka amahera y’agaciro  » bishikirizwa n’umwe mubo twayaze adandariza ahitwa muri village market . Uwundi twashoboye kuyaga yamenyesheje ko kuva amahera y’agaciro atanguye kuba umuzi w’ibuye mu Burundi, n’abaguzi baciye bagabanuka ,

Tubibutse ko amahera y’agaciro aboneka iyo hari ivyimbuwe n’ivyahinguriwe mugihugu , hanyuma bigashorerwa mumakungu, Mu Burundi hari vyinshi Bishobora gushorerwa hanze , bigaheza bikazana amahera y’agaciro , aho twovuga nk’icayi, ikawa, ipampa, ubutare , ibindi .

None habuze iki ?

Bipfira hehe ?

 

You may also like

Leave a Comment