
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru , kuri uyu wa 21 Rusama 2025, Faustin Ndikumana , uwuserukira ishirahamwe rijejwe gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM , ahamagarira aberwa n’amatora guhindura ingendo kugira batosore utunenge turangwa muri iyi myiyamamazo avuga ati » Umu candidat yitoza yategerezwa kuvuga umwidondoro wiwe ,akerekana ukuntu azotorera umuti ibibazo bihanze igihugu nk’ikena ry’igitoro ,ikena ry’amafaranga mvamakungu ,kwerekana uko azotorera inyishu ubuzima buzimvye , kwerekana ukuntu azotorera umuti w’ikena ry’ibintu vya nkenerwa nk’isukari ,ibinyobwa vya Brarudi hamwe n’ibindi «
Faustin Ndikumana ariyamiriza ikoresha ry’imiduga ya Leta mu myiyamamazo zinakoresha igitoro ca Leta , iyugarwa ry’amasoko mu gihe c’imyayamamazo y’imigambwe bigatuma ubutunzi bw’igihugu bumungwa .
Faustin Ndikumana agahamagarira aberwa n’amatora gutosora utwo tunenge mu ntumbero yitunganywa ry’amatora meza ashorera iterambere .