dimanche, septembre 7, 2025
Home Imibano Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Urupfu rwa Papa Francisco, inkuru yababaje abakirisu isinzi bo kw’isi yose

Nk’uko biri Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vya Vatican mu gatondo ko kuri uyu wa 21 Ndamukiza umwaka 2025, umwungere agira 266 wa Eklezia Katolika kuva atorwa kuwa 13 Ntwarante Umwaka wa 2013, yimikwa kuwa kuwa 19 ntwarante 2013, yasandavye kuri uyu wa 21 Ndamukiza2025, inyuma yo guhereza inkuka ya misa yo ku munsi mukuru wa pasika kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2025. Ni mugihe yaramaze imyaka itari mike afise ikibazo c’amahaha, nk’uko vyagiye birashikirizwa. Akaba asandavye ku myaka 88 y’amavuka ahitanwe n’indwara y’amahaha ( Pneumonie bilatérale)

Papa Francisco ni inde ?

Umuhungu wa Mario José Bergoglio , na Regina María Sivori , Jorge Mario Bergoglio , yahavuye yitwa Francisco, izina ry’ubupapa, yabonye izuba kuwa 17 Kigarama mu 1936 i Buenos Aires umugwa mukuru w’igihugu ca Argentine, avukira mu muryango ubayabaye , w’abimukira bafise amamuko mu gihugu c’Ubutaliyano.
Imfura mu muryango w’abana 5, ku myaka 17 gusa y’amavuka agiheza amashure yisumbuye muvyigwa vy’ubuhinga ( technicien chimiste) niho umuhamagaro wo kwihebera Imana wamuzako.
Mu 1958, ku myaka 21 y’amavuka , niho Jorge Bergoglio yinjira mumuryango w’aba Jésuite i Cordoba muri Argentine, inyuma yoguheza ivyorwa vya philosophie na théologie, yarabaye umwigisha w’ivyirwa vya Littérature, philosophie na Psychologie.
Munyuma niho yimikawa mu busaserdoti , kuwa 13 kigarama 1969, kumyaka 33 y’amavuka.

Kuwa 20 Rusama 1992, niho Papa Jean Paul II yamugena kuba icariho c’umwepiskopi wa Buenos Aires . Munyuma, haheze imyaka 5 , yagizwe icegera ca musenyeri mukuru, akorana hafi na hafi n’umukardinal wa Buenos Aires .

Muri Ruhuhuma 1998, ku myaka 61 y’amavuka , niho Jorge Mario Bergoglio, yimikwa kuba musenyeri mukuru wa Eklezia Katolika yo muri Argentine.

banner

Mu 2001 , niho yaba umu cardinal , aho yasavye abakirisu b’abanya argentine baribateguye kumuherekeza iRoma mu birori vyo kwigina igenwa ryiwe , ko amahera baribayteguye y’urugendo boyafashisha aboro.

Umupapa wa mbere atari umunyaburaya

Inyuma y’itangwa ry’imihoho rya Papa Benoît XVI , mu mabanga yo kurongora Eklezia Katolika, mu nama rukokoma y’aba cardinal yabaye , Jorge Mario Bergoglio yatowe kuba umu Papa agira 266. Hari ku wa 19 ntwarante 2013.
Kuva ubwo yaciye yitwa Papa Francisco, afatiye ku mweranda François d’Assise.

Papa Francisco yabaye umu Jesuite wambere aramutswa Eklezia Katolika kandi atari umunyaburaya.

Papa Francisco tuzomwibukira kuki ?

Papa Francisco bamwibukira kuri vyinshi vyamuranze, harimwo guhangana n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu, na cane cane abimukira , no guharanira amahoro , akaba yarahamagariye akatari gake abakuru b’ibigugu n’amareta kudashira imbere intambara.. yararanzwe kandi no kwiyegereza no gufasha abagowe.
PAPA FRANCISCO Yarahanganye n’ibibazo bijanye n’aba kardinari bavugwako ivyaha vy’ubushurashuzi no gukubagura abana b’abigeme, aho abatari bake yabirukanye , yaragwanije ivyiyumviro vyo kwemerera gukorora imbanyi kuwubishaka,
yarashikirije uko abona ibijanye n’abubakana basangiye ibitsina, aho yamenyesha ko ubutinganyi ari igicumuro atari icaha , ijambo ryateye impari ahatari hake kwisi.
Papa Francois ntiyashigikira bumwe mu buryo bukoreshwa bwo gutandukanya imvyaro, agahimiriza abakirisu gukoresha uburyo kama ( methode naturelle )
Akaba yitavye Imana bimwe mw’ivyo bibazo bitaratorerwa umuti urama .

You may also like

Leave a Comment