
arongoye umurwi w’igihugu ujejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora
Mu kiganiro cagenewe abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere , igenekerezo rya 14 /ndamukiza /2025 , Esperance Ndayizeye arongoye umurwi w’igihugu ujejwe kugenzura uko insamirizi , n’ibinyamakuru bikora , yasubiriye kwemerera urubuga Yaga gusubira gutanga amakuru ,kubera ko impapuro z,ukuri zemerera ishirahamwe ry,urwaruka rijejwe duteza imbere ridakimirwa AJEBUDI ari naryo ikinyamakuru gikukira , zatowe mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo intwaro.

Muri ico kiganiro , Esperance Ndayizeye avugako haba mu bushikiranganji bw’ubutungane canke bw’intwaro yo hagati , iterambere rusangi n’umutekano izo mpapuro z’iryo shirahamwe ryamukamwo urwo rubuga Yaga , zerekana ko iryo shirahamwe ryokorera ku mugaragara zatowe aca arekurira ico kinyamakuru gusubira gutanga amakuru , akanahimiriza ico kinyamakuru kwifadikanya n’izindi nsamirizi n’ibinyamakuru kwifadikanya mw’iterambere ry,igihugu .
Kubw’urubuga Yaga , ngo bacumva iyo nkuru mbi ko ikinyamakuru cugawe vy’imfatakibanza na CNC , Yaga yaregeranije ibisabwa vyose biciye mu mategeko ku wa 31 Ntwarante 2025 , iheza irabishikana kuri CNC , mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ariyo iraba ivy’amashirahamwe hamwe no mu bushikiranganji bw’ubutungane uko vyagiye biragenda
Uwurongoye CNC , avugako inyuma y’ikete ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ryo kuwa 11 Ndamukiza 2025 ryerekana ko ishirahamwe AJERUDI rizwi n’amategeko , ikinyamakuru YAGA kirarekuriwe gusubira kemenyeshamakuru , gutyo gifashanye n’abandi mw’iterambere ry’igihugu .
YAGA ivugako yakiranye n’akanyamuneza , na cane cane gusubira kuyaga n’abasomyi bayo .