
Umugwi ujejwe gutegura amatora Ku rwego rw’igihugu CENI ,muruganda rwo kwereka abagize uwo murwi mu matora haba mu ma communes canke mu ntara ingene botunganya amatora atatunenge ,ngo uriteguriye gutunganya amatora meza kandi neza .Ivyo bivurwa n’umukuru w’uwo murwi Prospère Ntahorwamiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 08 ndamukiza.

Prospère Ntahorwamiye akavugako intumbero y’urwo ruganda ari ukwigisha abagize imigwi y’amatora haba Ku rwego rw’ama communes n’intara zose zigize igihugu kumenya ibiharuro bizokwegeranirizwa Ku tuzu tw’amatora ,mu ma commune ,mu ntara imbere y’uko birungikwa umugwi ujejwe amatora Ku rwego rw’igihugu,imbere y’uko bija muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.
Kubwa Prospère Ntahorwamiye ngo abo bazoba baronse izo nyigisho nabo bazoca bazisangiza abakozi bazinduka bahabwa akazi bazokorera mu tuzu tw’itora .
Prospère Ntahorwamiye akavuga ku ma komine 42 ari mu gihugu,hazoba utuzu tw’itora 14 103 mu gihugu c’uburundi ,utuzu 53 tuzoba turi mu mahanga ,nayo abazitabira amatora bakaba bazogera Ku miliyoni zitandatu n’ibihumbi cumi na bitatu n’amajana ane na mirongo icenda n’umunani (6.013498)
Prospère Ntahorwamiye agasaba abo bagize uyu murwi haba mu ntara canke ama commune kwuma amatwi abanyamigambwe bohuvya itunganywa neza ry’amatora ,akabatumirira kuyatunganya neza ataho bahengamiye bishimikije inyigisho baronkejwe