dimanche, septembre 7, 2025
Home ImyidagaduroAmareresi Abel NDUWAYO : Igisata c’amareresi mu Burundi kigeze kuntambwe ishimishije

Abel NDUWAYO : Igisata c’amareresi mu Burundi kigeze kuntambwe ishimishije

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Hari kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 05 Ndamukiza umwaka wa 2025, Munyubakwa z’ikigo ndangakaranga c’abafaransa IFB mu gisagara ca Bujumbura, aho Abel NDUWAYO, Umuhinga yabize umwuga mu gukina amareresi, asanzwe aramutswa umugwi w’abakinyi b’amareresi GFCI, bari baramutse bashira ku mugaragaro isereri bise impano series

Abel NDUWAYO, n’akanyamuneza kenshi, yarakengurukiye abaraho, na cane cane abo bose badahengeshanya kumutera intege ndetse, aranashimira uwo wese ashigikira akanateza imbere ibikorwa mvabewenge vy’abarundi, na cane cane ama reresi.

Abel NDUWAYO arashima intambwe igisata c’amareresi kigezeko mu Burundi, afatiye kurugero abarundi bagezeko mu guhurumbira ireresi ndundi, ariko agasaba ko Reta n’ababijejwe bofasha mu gushigikira no gukingira ibikorwa mvabewenge vy’abarundi, nk’amareresi, kugira abakorera mw’ico gisata, bashobore kugaruza imitahe baba bakoresheje, mbere baronke n’inyungu. Agasaba ko ibijanye na Droit d’Auteur mu Burundi vyoja mu ngiro, maze abakorera mu gisata c’amareresi ,ibikorwa vya bo bishobore kubabeshaho, batere imbere, bongere bateze imbere n’igihugu.

Mwomenya ko ivyo birori vyari vyatewe iteka n’abanyecubahiro batandukanye, barwiriyemwo cane cane abakinyi b’amareresi bahurikiye mu mirwi itandukanye, bari baje gushigikira bagenzi babo bo mumurwi wa GFCI, urongowe na ABEL NDUWAYO. Tubamenyeshe kandi ko iyo reresi Impano series yahuriyemwo abakinyi benshi batandukanye mbere harimwo n’abava mu yindi mirwi y’abakinyi b’amareresi ndundi.

banner

You may also like

Leave a Comment