dimanche, septembre 7, 2025
Home Ubutunzi Francis ROHERO : Umuhinga mu vy’ubutunzi aratuyagira ivyotuma ubutunzi bw’Uburundi bwiyongera

Francis ROHERO : Umuhinga mu vy’ubutunzi aratuyagira ivyotuma ubutunzi bw’Uburundi bwiyongera

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Francis Rohero,umuhinga muvy’ubutunzi ,kandi akaba umunyepolitike akaba yagomvye kwihebera Imana aratubwirako ko Leta y’uburundi yotegerezwa gushira imitahe ,canke gutera intege abarimyi 2.500.000 bagizwe cane n’abakenyezi mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’uburimyi,hamwe n’ugutezimbere n’ucungerwa n’icukurwa ry’ubutare kugira habe iterambere ry’igihugu.

Aho hari Ku munsi wa 6 uheze ,Francis Rohero imbere y’abamenyeshamakuru avugako Leta y’uburundi itegerezwa gufata iyambere kugira ishire imitahe yongere ifate mu mugongo igisata c’uburimyi kugira harwanywe inzara bituma haba iterambere ry’igihugu.

Francis Rohero arasigurako Ku mafaranga angana ibihumbi bitanu na mirongo itanu vy’imiliyaridi z’amarundi Leta y’uburundi ikoresha ,ibice 6% vy’ayo mafaranga nivyo Leta ishira mu burimyi Ku miliyoni 14 ziba mu Burundi .kubw’uyo muhinga ngo abantu benshi barihendako ibice 80% batize amashure ko ari abarimyi ,ngo haba namba . avugako ibice 50% bigizwe n’abana ,ngo ko abantu bangana 2.500.000 ahanini bagizwe n’abakenyezi bafise ubukene budasanzwe ,aribo barima Ku mitumba no mu myonga y’uburundi ahanini yaga,canke atimbuka ivyo bigatuma Abo barimyi badashobora guhaza abantu baba mu gihugu.

Imiliyoni zibiri n’amajana atanu z’abarimyi agahaze mu kurwanya inzara no guteza imbere igihugu.

banner

Francis Rohero avugako Ku miliyoni 14 ziba mu Burundi, Imiliyoni zibiri n’amajana atanu z’abarimyi ahanini zigizwe n’abakenyezi ba ntaho nikora aribo bagaburira iminwa y’amamiliyoni 14 aba mu gihugu,ngo bikaba bigoye caaane ko bofungura bagahaka mbere n’ukwo igihugu cotera imbere mu gihe igisata c’uburimyi kitifashe neza.

Francis Rohero arashima ingingo y’ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro n’ingenzi yo gushinga ibiciro bishasha vy’ibifungurwa vya nkenerwa ,ahanini ivyo biciro bikaba vyaragabanutse ,ariko bigoye ko iyo ngingo izoja mu ngiro kubera imvo z’uko isi ndimwa yaze ,itamera,abayirima ari bake ivyo bikazotuma ivyo bifungurwa bibura.

Uyo muhinga aravugako Uburundi,bufadikanije n’ibindi bihugu bateye igikumu Ku masezerano y’i Maputo Aho igihugu cose gitegekwa gushira ibice 10% vy’amahera gikoresha mu gisata c’uburundi.Agasaba Leta y’uburundi ko mu mafaranga Leta ikoresha yoshiramwo n’imiburiburi ibice 20 canke 30% kugira Leta ishiremwo imitahe ,canke ifate mu mugongo abarimyi kugira uburundi burwanye inzara soko ry’iterambere ry’igihugu

You may also like

Leave a Comment