dimanche, septembre 7, 2025
Home Amagara y'abantu Ngozi: Baratabaza Kuronswa amazi n’amatara kw’ivuriro ritoya ryo mu Gakere

Ngozi: Baratabaza Kuronswa amazi n’amatara kw’ivuriro ritoya ryo mu Gakere

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Iryo n’ivuriro ritoya ryo mu Gakere commune Kiremba intara ya Ngozi ryubatswe mu mwaka wa 1993 ,riri Ku metero 50 ry’ibarabara rya kaburimbi rija mu Kirundo na Muyinga , abahivuriza n’abaganga batewe ubwoba n’uko iryo vuriro ata matara n’amazi,ibishobora gutuma haterwa indwara zifatiye Ku myanda.

Abaduhaye Ayo makuru,batagomvye kwivuga amazina ,bavugako iryo vuriro ryakira abavyeyi bashika Ku 60 Ku kwezi n’ukuvuga 2 Ku munsi .Ngo nkiyo bwije abaganga bakoresha utubuji kugira ngo bakire abarwayi ,ibiteye ubwoba abahivuriza bavugako bashobora guterwa n’indwara ziturutse Ku myanda bagatabaza ababijejwe kugirango iryo vuriro rironswe amatara n’amazi

Tubajije musitanteri wa commune ya Kiremba yavuzeko ico kibazo akizi ,agashimangira y’uko amazi akoreshwa kwa muganga avomwa mu duce turimwo amazi ,agasaba imvukira,ishirahamwe Regideso,hamwe n’abo Bose bobishobora kwihutira Kuronsa amatara n’amazi iryo vuriro

You may also like

Leave a Comment