Umuhinga aratanga umuco w’ivyokorwa.

Mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe kurwanya Ibiza n’isibe ,uhimbazwa kw’igenekerezo rya 07 Ntwarante uko umwaka utashe.Dr Athanase Nkunzimana umuhinga w’ico gisata akongera akaba umwigisha wa kaminuza y’uburundi araburira ko imyuzurira n’isenyuka ry’imisozi biteye Ku rugero ruteye ubwoba ,akerekana icokorwa habe gukingira abenegihugu
Dr Athanase nkunzimana mu cirwa yatanze , yavuzeko ikiyaga ca Tanganyika Kiri ikuburiro ry’imyanda izanwa n’inzuzi Kinyankonge,Rusizi ,Kanyosha .Yishimishije Ku ruzi Kanyosha uyo muhinga avugako urwo ruzi mu mwaka 1985 urwo ruzi rwatemba neza ,ivyatangaje abantu baba mu mucungararo yaho ,n’uko mu kwezi kwa mukakaro 2024 ibintu vyunyutse aho urwo ruzi rwataye umurongo ruca rwisukira Ku bwinshi mu kiyaga Tanganyika,ivyatumye mu mucungararo y’ico kiyaga haca haba imyuzurira.Uyo muhinga agasabako hoba ibikorwa vyo gusubiza urwo ruzi rwahora mu myaka 1980 gushika 1990 ,kwimura abantu baba Ku nkengera y’ico kiyaga,gushiraho ikibanza kigaragara cisunzwe itegeko ryubahiriza amazi n’ibidukikije n’ukuvuga 50m kuri 50m ,gukingira inkombe n’inzuzi kugira amazi atembe neza.

Dr Athanase nkunzimana murico cirwa ciwe aragaruka kw’ibomagurika ry’imisozi mu duce twa Kamesa ,Kijejete,Gitaramuka,Gikoto, Cibitoke,Gakungwe,Ruziba,Carama,Gahahe ,Nkenga Busoro ,Rubirizi,Uwinterekwa Aho amazu yabomaguritse kubera isaduka ry’imisozi.Uwo muhinga asaba inzego zogukinga Ibiza n’isibe zofata iyambere mwitunganywa neza ry’ivyo bibanza ,n’uko igisata kijejwe uburaro n’itunganywa ry’igisagara amategeko yo kwerekana ibice vyo kubamwo