
Hari Kuri uyu wa 30 Nzero 2025 aho urwego nyobozi rw’Inama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi (CNC) yagendeye uruganda rw’Imboneshakure BETV BURUNDI, mu ntumbero yo gushigikira no gukomeza ubucuti n’ibinyamakuru vyigenga.

Mu vyo bayaze n’umuyobozi w’imboneshakure BETV BURUNDI Harimwo ibijanye n’uko iyo mboneshakure yitunganije , uko urwo ruganda BETV BURUNDI rwiteguriye amatora yimirije , n’ico ruriko rurakora mu gushitsa imbono kazoza y’Uburundi igihugu cifashe mu 2040 , igihugu giteye imbere mu 2060.

Amb. Espérance NDAYIZEYE Umuyobozi mukuru wa CNC akaba yarashimye uko yasanze ico kinyamakuru cifashe , akanatera intege iyo mboneshakure kubandanya batera baja imbere , anabasaba kwama bitwararika kwamiza ku muzirikanyi amategeko n’amabwirizwa agenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.
Mu gihe Uburundi bwimirije kwinjira mu bihe vy’amatora , imboneshakure BETV BURUNDI yasabwe kubandanya ifasha abenegihugu bose kuronka amakuru atohojwe neza ata guhengama.

umuyobozi w’imboneshakure
BETV BURUNDI
Kaneza Arlène umuyobozi w’imboneshakure BETV BURUNDI, yarakengurukiye abo bashitsi b’iteka bagendeye ico kinyamakuru, nk’ikimenyetso c’uko iyo mboneshakure bayizirikana, aranashikiriza ko imboneshakure BETV BURUNDI iri ku kivi muntumbero yo gukangurira abene gihugu guhindura ingendo , maze bakura amaboko mu mpuzu, bakijukira ibikorwa vy’iterambere rirama mu ntumbero yo gushika ku mbonokazoza y’Uburundi bwifashe mu 2040 , n’Uburundi buteye imbere mu 2060. Akaba yanasavye ikigo CNC kubandanya bashigikira ibinyamakuru vyigenga nka BETV BURUNDI , bisanzwe binafasha mu gushikana kure ishusho y’Uburundi .

Urwo rugendo rukaba rwasozerewe n’ugutemberera ibisata bitandukanye bigize uruganda rw’imboneshakure BETV BURUNDI.