dimanche, septembre 7, 2025
Home Ubutunzi Nestor NTAHONTUYE : « Niyemeje gushira inguvu zanje zose mu kurwanira inyungu z’igihugu no guteza imbere ubumwe n’ukwiyunga kw’abarundi bose »

Nestor NTAHONTUYE : « Niyemeje gushira inguvu zanje zose mu kurwanira inyungu z’igihugu no guteza imbere ubumwe n’ukwiyunga kw’abarundi bose »

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Nk’uko biri mw’itegeke nomero 100/188 ryo kuwa 09 kigarama umwaka wa 2024, riteweko umukono n’umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE , n’umushikiranganji wambere Gervais NDIRAKOBUCA, rigena Nestor Ntahontuye mu mabanga y’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 kigarama umwaka wa 2024, umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta Nestor NTAHONTUYE , yararahiriye kwinjira icese mw’ayo mabanga.

Nestor NTAHONTUYE ,
ariko ararahirira kwinjira mumabanga
yo kurongora Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

banner

Imvukira y’intara ya Ruyigi , muri komine Gisuru, Nestor NTAHONTUYE asanzwe yari umushingamateka yatowe mu ntara ya Ruyigi. Afise urupapuro rw’umutsindo rwa “Master”, mu vyigwa vy’ibiharuro mfatirwako (Statistiques), ariko yanonosoye ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’imigambi. Guhera mu 2009 gushika mu 2019, yarakorera mu mashirahamwe CARE, IFDC, PSI, Oxfam, GIZ hamwe no mu kigega c’isi n’ayandi.

Muri ayo mashirahamwe mpuzamakungu yakoreye, amabanga yiwe ntiyagarukira mu Burundi gusa. Yararaba ishirwa mu ngiro ry’imigambi yayo mu bihugu nk’Urwanda, Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo na Sudani y’epfo. Aho hose, umushikiranganji Nestor Ntahontuye yaba ari mu nzego zijejwe gutunganya imigambi, gukwirikirana ishirwa mu ngiro ryayo hamwe n’ubushakashatsi. Iruhande y’ivyo, yarakoze ibikorwa nk’ivyo mu migambi y’igihugu, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, no mu mugambi w’igihugu witwa “Programme national de la réforme de l’administration publique”. Yahora atwara umugwi wamaho wo mu nama nshingamateka, ujejwe ibibazo vy’ubutunzi.

Nestor Ntahontuye, umushikiranganji mushasha ajejwe ikigega ca Reta, inyuma y’aho agenwe n’Umukuru w’igihugu kuri uyu wa 09 Kigarama 2024, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, yararahiye icese kurongora ubwo bushikiranganji inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa 10 Kigarama 2024, imbere y’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’Icegera ciwe Prosper Bazombanza, Umushikiranganji wambere Gervais Ndirakobuca n’imbere y’inama Nshingamateka na Nkenguzamateka , Abashikiranganji, n’abaserukira amashirahamwe atandukanye.

Muvyo yarahiye, ukuboko kw’iburyo hejuru, ukw’ibubamfu gufashe amabendera 2: iry’Uburundi n’iry’Ubumwe bw’Abarundi, Ntahontuye Nestor yagize ati: « Niyemeje gushira inguvu zanje zose mu kurwanira inyungu z’igihugu, mu guteza imbere ubumwe n’ukwiyunga kw’aburundi, amahoro n’ubutungane mu vyo nzoba njejwe vyose. Niyemeje kurwanya ivyiyumviro n’imigenzo yose y’ubwicanyi n’ihonyabwoko, mu guteza imbere no kurwanira uburenganzira n’ubwisanzure bw’umuntu n’umwenegihugu! « 

Twobibutsa ko Nestor Ntahontuye asubiriye Audace Niyonzima yari yagenwe muri ayo mabanga kuva mu mwaka wa 2022 .

You may also like

Leave a Comment