dimanche, septembre 7, 2025
Home UbutunziGushiramwo imitahe KULALANA : ng’iyi indirimbo yabaye isoko ry’amatati

KULALANA : ng’iyi indirimbo yabaye isoko ry’amatati

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Ninde ari mu kuri, hagati ya Bizimana paulin ( Dj Paulin ) na Mugisha Jean Junior ( Double Jay ) ?

Inyuma yo gusohoka kw’indirimbo KULALANA y’umuririmvyi Mugisha Jean Junior azwi cane nka Double Jay , imvukira yintara ya Gitega , indirimbo yakoranye n’umuririmvyi rurangiranwa ava mu gihugu ca Ouganda Jose Chameleone, agashavu ni kenshi, kuruhande rwa Bizimana Paulin azwi kwizina rya Dj Paulin, avuga ko ari we yatanze uburyo bw’amafaranga kugira iyo ndirimbo iboneke, ariko igaca isokoha atagishijwe inama , ntinasohokere kurubuga rwiwe rwa Youtube , ahubwo igasohokera kurubuga rwa Double Jay, ariko Double Jay we agahakana ivyo yagirizwa kuko ngo atamasezerano yigeze ahaba hagati yiwe na Dj Paulin imbere y’uko iyo ndirimbo ikorwa, kanatsinda ko atamahera yigeze arihwa na Dj Paulin mu gushigikira igikorwa c’iyo ndirimbo, ahubwo ko we yafashije mu kumuhuza na Chameleone.

DJ Paulin : « Gusohora indirimbo narihiye amahera, atavyo nzi, ni agasuzuguro, sinovyihanganira,bitegerezwa kuja mu butungane . »

Bizimana Paulin ( Dj Paulin

Igihe yariko arasigura ingorane zimaze iminsi ziri hagati yiwe n’umuririmvyi Double-jay OnceAgain, zivuye ku ndirimbo SINOKWILALANA baririmbanye n’umuririmvyi rurangiranwa, ava mu gihugu ca Ouganda, Jose Chameleone , BIZIMANA Paulin ( DJ Paulin ), umwe mu basanzwe bafasha mu gutezimbere umuziki mu Burundi, yavuze ko Double Jay yafashe ingingo yo gusohora iyo ndirimbo ku rubuga rwiwe rwa YouTube atabibwiye DJ Paulin, mu gihe Paulin avuga ko indirimbo yari gutegerezwa kuja ku rubuga rwiwe, kuko ariwe yayirihiye amahera, arakora n’ibishoboka vyose kugirango Double Jay na José Chameleone bakorane iyo ndirimbo.

Paulin agira ati : « Bikabandanya gutya, ntaco tuzoba turiko turafasha umuziki w’Uburundi. Umuntu azoshobora gukora amakosa uko yishakiye. Kuko nk’ivyo bakoze ni ivurugu, n’ugushaka gukwega induru. Narituye ubutungane, nibaza ko ibikurikira muzobimenya. Ikintu ca mbere nipfuza nuko irya ndirimbo ibanza ikava ku mbuga zose yayishizeko, ibindi vyose tukazobivugana mu nyuma ».

KULALANA : Yakuwe ku rubuga rwa Youtube

Inyuma y’aho Dj Paulin yandikiye uburongozi bwa YouTube, abumenyesha amatati ahari hagati yiwe n’umuririmvyi Double Jay , yerekana ko indirimbo yashizwe ku rubuga rw’uwo muririmvyi bidaciye mu mwumvikano canke ngo abimenyeshwe, kuko ngo indirimbo ari iyiwe, ariwe yayirihiye uburyo bwose bwasabwa , muri uno mwanya rero, YouTube ikaba yabaye irakurako iyo ndirimbo mu kurindira ko izo mpande zibiri zitorera umuti ico kibazo, biciye mu mwumvikano canke mu mburano. Ni mu gihe Dj Paulin asigura ko iyo ndirimbo yari imaze amezi menshi agera kuri cumri iri kuri Youtube ya Dj Paulin nyene , aho bari barindiriye gutangaza ishirwa kumugaragaro ryayo.

banner

Double Jay : «Uyu Mugabo ari muri bamwe baza bihiye batazi uko vyarondewe ngo  » Tura tugabure wanse bimeneke  » »

Umuririmvyi Mugisha Jean Junior Double Jay

Inyuma yo kuronka amakuru ko Indirimbo yiwe KULALANA itakiri kurubuga rwiwe rwa Youtube, Mugisha Jean Junior azwi cane nka Double Jay, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, yagerageje gusigura ukuri kubijanye n’iyo ndirimbo , aranabeshuza ivyo yagirizwa na Dj Paulin, ko ari ikinyoma, ko atakindi agamije atari ku mucinyiza.

Double jay yagize ati : « UKO BIRI KOSE IMANA NIYO MUCAMANZA MUKURU KANDI UKURI KWAMA GUTSINDA IKINYOMA. TWIBUTSE INVUNE TUGIRA KUBW’UYU MUZIKI BITUMA TWUMVA TUTOKWIHANGANIRA ABASHAKA KUDUCINYIZA BATURYA INGUVU KUBWINYUNGU ZABO KANAKA . »

Double jay arabandanya ati « GUTE JE WOZA KUMBWIRA NGO INDIRIMBO NI GWAWE UZI NEZA KO IJWI ARI JEWE NAMAJAMBO AKABA JEWE ? DUFITANIYE AMASEZERANO AYAHE ? NGO KUBERA UMURIRINVYI YAYIRIRIMVYEMWO ARIWE YAMUZANYE GUSA ?? YARANDANGUYE CANKE YARANGUZE UBU NZONZA NDARIRIMBA AZIYITIRIRA CANKE ? »

Ukuri ku nkomoko y’indirimbo  » KULALANA  »

Double Jay arasigura uko vyose vyagenze kugira iyo ndirimbo iboneke : « UKURI NUKO UMUNSI CHAMELEON AZA MUBURUNDI TWIVUGANIYE UMURIRINVYI KUWUNDI NDATEGURA VYOSE TURARIHA STUDIO VYOSE NO KWIMUKANA IVYUMA AHO YASHIKIYE HAMA BIVANYE NINGENE ABANTU BARI BAMUGENDEYE ARI BENSHI ACA AFATA INGINGO YO KUBIRUKANA BOSE ASABA KO ABANTU BOSE BASOHOKA BAKATUBISA TUKIKORERA AKAZI , TWASIGAYE TURI BATATU GUSA JEWE NA CHAMELEON NA XFECTA UMUHINYANYUZI NAWE YOMBESHUZA NIMBA MBESHE, ABARI NGAHO BOSE BARABIZI KO UYO MUKURU WACU YASOHOTSE MUBANDI DUSIGARA TURAKORA NTANICIYUNVIRO NA KIMWE YIGEZE ATERERA YACIYE YITAHIRA KURUHUKA NANJE NYENE IMARI NGUMA KUKIVI ARIKO RERO SINZI MPAMVU YARI KUMUSHIRA HANZE KANDI AZI NEZA KO PROJECT ARI IYIWE KANDI NGO YAMURISHE ? NTAGAHATO KARIMWO WENYENE YARAVUZE ATI JAY JAY REKA NDAMU BLESSING HAMA Kirikou A Kili ARAKORANA NA WEASEL MANIZO HAMA WEASEL ASHIKA BUJA ATEVYE UMWANYA WO GUKORA IYO NGOMA YINDI NTIWABONEKA.
NONE BASI NIYO YARI KUYITA RWIWE ?
»


Gute iyo ndirimbo ,itarahera kugorwa ,yahavuye igera mu biganza vya Dj Paulin ?

Mugisha Jean Junior azwi cane nka Double Jay, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook , yishura ati : « BUKEYE INDIRIMBO TWARAYIMURUNGIKIYE BROUILLON KUGIRA YUMVIRIZE UKO TWABIKOZE TWONGERA TUNAMUSHIMIRA KUBA YADUHUJE NA JOSE CHAMELEON.
INYUMA YIGITERAMO CHAMELEON YARURIYE INDEGE ARATAHA NATWE INDIRIMBO TUYIMARANA IGIHE MUMA PHONE TWIYUNVIRA UKUNTU TWOJA KAMPALA GUKORA AMASANAMU TUKARABA UBURYO DUFISE NIBINDI TURIMWO TUKABONA VYOFATA IGIHE KININI KUGIRA DUKORE VIDEO NZIZA IRUTA IZO TWAKOZE ZOSE NARIRYA YARI COLLABO YUMU LEGEND TWUBAHA MUKARERE . »

UKO VYABANDANIJE RERO NUKO MUKURU WACU INDIRIMBO YAYIGUMANYE MURI PHONE ARI BROUILLON DRAFT AGUMA AYUNVIRIZ DUHURA AVUGA IRARENZE NGO NAWE AJEMWO CANK NGO TUYIMUHEBERE IBE RWIWE KO VYANSE KO TUYIKORERA VIDEO , MUNYUMA TURIYUNVIRA TURAVUGA ATI UYU MUKURU WACU ASHIZEMWO IMITAHE TUKAYIKORERA AMASANAMU ARI KU RWEGO INDIRIMBO VYOYIHA IGIHAGARARO KUKO AUDIO TURAYEMERA IRONSE VIDEO NZIZA RERO VYOBA BIRENZE.
MUKURU WACU TWARAMWEGEREYE TURAMUBWIRA ATI HAMWE VYOGENDA UKO TUBISHAKA TUKAJA KAMPALA TUGAKORA VIDEO NZIZA IRI KUGWEGO NA CHAMELEON TUKAMURONKA INDIRIMBO TURAYIGIRA RWAWE.

VYARAFASHE IGIHE ATUBWIRA KO YAMUBUZE BIDAKUNDA KO TUJA KUYIKORA NGO NTIBAMWITABA NTIBAMWISHURA NGO TUVYIHOZE DUKORE AKANTU GASANZWE KAGA CARTOON ARADUHAMAGARA ARAKATWEREKA KUMBE YARAMAZE KUGAKORESHA ATANIVYO TUZI TURAKABONA TURUMIGWA HAMA TURAMUBWIRA TUTI MUTAMA NTUDUKWAKWANYE BURYA TWE IVYO DUSHAKA SIVYO KABISA RERO KO ATARIVYO TWUNVIKANYE TWE TURAKUYEMWO AKARENGE INDIRIMBO TUZOVYIMENYERA UKO TUYISOHORA.

NTIYAVYAKIRIYE NEZA AHUBWO NIWE YASHATSE KUTWIBA INDIRIMBO ACAFATA AUDIO ITAGIRA QUALITÉ ARIYO YA BROUILLON TWAMURUNGIKIRA ABA ARAYISHIZE KURI YOUTUBE HASIGAYE KO YUGURUKA GUSA ABANTU BAYIBONE KUGIRA UMWANYA NUMWANYA ATWITANGE ACE AYISHIRAKO HAMA TWE TWIMENYE ENERGY TWATAYE TURI KUYIKORA AYIGWIZA NUBUSA NGO NTACO TWOKORA AKARUTA AKANDI KARAKAMIRA.

Double Jay arangiza yibaza ati : « GUTE INDIRIMBO YOBA GWAWE UGASHIRA DRAFT BROUILLON KURI YOUTUBE INDIRIMBO ITAGIRA MIXAGE ITAGIRA MASTERING ? NIKO KUBA PROFESSIONAL UGENDA UVUGA KO TUTARI ? CANKE NUKO YARAZI KO ATAHO YOYIKURA? CANKE YASHATSE ATWONONERE GUSA ? YASHATSE KUYIDUTANGA ? »

Manager wa Biliman Boy abivugako iki ?

Hakeem Moza ati :  » Nta kintu na kimwe DJ Paulin yarishe muri irya ndirimbo. Vyose nitwe twabirishe. Ikindi naco, mbe ni kuki twomuhebera iyashu yacu, kandi ku bintu atari rwiwe. Niyitware, niyadutumako, tuzokwitaba, tuburane ».

Ivyo bishitse mugihe ikibazo nk’ico kimaze no kwibonekeza akatari gate mu Burundi, aho hakunze kuvyuka impari kundirimbo zitandukanye hagati y’abaririmvyi ubwabo kumwe n’abanditsi, ekandetse n’ababa bashoyemwo imitahe .

You may also like

Leave a Comment