mardi, juin 3, 2025
Home UbutunziGushiramwo imitahe COMESA : Akarusho no ku bakora urudandazwa rutoyi rutarenza 2.000$ ku munsi

COMESA : Akarusho no ku bakora urudandazwa rutoyi rutarenza 2.000$ ku munsi

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Abenegihugu batobato bakora urudandazwa rutoyi rutarenza 2.000$ ku munsi bagiye kworoherwa kwinjiza no gusohora ibidandazwa biciye mu kigo co kworohereza abadandaza bahurikiye muri Common Market for Eastern and Southern Africa (COMESA .

Ico kigo kizokwugururwa kw’igenekerezo rya 30/10/2024 ku mupaka wo mu Gatumba hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo nk’uko vyashikirijwe n’Umushikiranganji w’Ubudandaji Marie Chantal Nijimbere kuri uyu wa 22/10/2024 mu kiganiro co kurabira hamwe itegurwa ry’inama ihuza abakuru b’ibihugu bahurikiye muri uwo muryango izoba ku wa 28 gushika 31 Gitugutu 2024.

Umushikiranganji w’Ubudandaji
Marie Chantal Nijimbere

Umushikiranganji w’Ubudandaji Marie Chantal Nijimbere yamenyesheje ko ico kigo kizotuma bashobora kurengana umupaka biboroheye ndetse bashobore no gusaba ivyankenerwa baciye ngaho bigaheza bigafasha hagati y’ibihugu guhanahana amakuru no kworohereza abakora urudandazwa rutoruto njabukambibe.

Arongera ati : »Ku batwara abantu n’ibintu, turaheza tukumvikana kugira dushireho amategeko twese atworohereza adufasha no kugabanya umwanya w’abantu baba batwaye ibintu (Regime de Garantie de Transit sous Douane). Bigafasha kandi gutanga ibitabu vy’inzira ku bahanahana ibidandazwa mu bihugu biri muri uwo muryango wa COMESA hamwe n’abatoza amatagisi nka Office Burundais des Recettes, kuko haba habaye guhanahana amakuru biciye muri yo regime de garantie de transit sous douane y’ibihugu vya COMESA« .

banner

You may also like

Leave a Comment