217

Amb. Espérance NDAYIZEYE
UMUKURU W’INAMA NKURU IJEJWE
IVYO KUMENYESHA AMAKURU (CNC)


Amb. Espérance NDAYIZEYE
UMUKURU W’INAMA NKURU IJEJWE
IVYO KUMENYESHA AMAKURU (CNC)
Mu gihe buca hatanguzwa iyandikwa ry’abazotora mu mwaka wa 2025, ng’ibi ibiri mw’itangazo inama nkuru ishinzwe ivyo kumenyesha amakuru (CNC -Burundi ) ishikirije ibimenyeshamakuru .
Amb. Espérance NDAYIZEYE
arongoye inama nkuru ishinzwe ivyo kumenyesha amakuru (CNC -Burundi )
agira ati : «
1. Aho bukera, umurwi w’igihugu wigenga ushinzwe gutunganya amatora (CENI mu mpfunyapfunyo y’igifaransa) buca utanguza igikorwa c’iyandikwa ry’abazotora mu matora yo mumwaka uza w’2025. Ni intambwe ihambaye yerekana ko twinjiye mu matora nyezina.
- Kubera tuziko uruhara rw’ibimenyeshamakuru ari ntangere mugufasha kugirango amatora abe ku mugaragaro, mubwigenge no mumahoro, urwego CNC rufashe kano kanya ngo ruhamagarire abamenyeshamakuru gukurikirana intambwe zose z’amatora, bakoresheje ubuhinga, ubwira n’ubwitonzi, kandi bisunze amategeko agenga umwuga n’igihugu.
- Ni muri iyo ntumbero tubasaba guha abenegihugu inkuru zitohojwe neza, ataho zihengamiye, atagushikuza, ata bishobisho n’ububeshi kandi zitajuragiza abenegihugu. Ninaco gituma imbere yo gutanga inkuru umumenyeshamakuru yokwibaza akamaro ifise kubenegihugu ndetse n’ingaruka ishobora kugira ishikirijwe.
- Abarongoye imenyeshamakuru n’abamenyeshamakuru ubwabo bogira ikirangaminsi rwabo c’amatora kugirango ntihagire akabasoba, bafashe mu gusigura neza ivyerekeye amatora, babicishije mu biganiro n’amakuru bashikiriza bitomorera ababumviriza inyifato bogira mu matora.
- Mugukurikirana neza igikorwa c’abamenyeshamakuru mu kiringo c’amatora, inama nkuru ishinzwe ivyo kumenyesha amakuru iriko irategura amategeko azogenga ibimenyeshamakuru, ababirongoye bakazoyaterako umukono. Mu kiringo c’imyiyamamazo naho, inama nkuru ishinzwe ivyo kumenyesha amakuru izofata ingingo iringaniza neza ingene abazoba bari mw’ihiganwa bazoronka uburenganzira bumwe bwo guca mu bimenyeshamakuru, baze baronke mbere umwanya wo gushikiriza imigambi bashize imbere, ndetse n’ivyo bemereye abanyagihugu bagize amahirwe bagatorwa.
- Iruhande y’ivyo tuributsa abamenyeshamakuru ko amatora ari inzira ngombwa muri demokarasi arico gituma adashobora kubibagiza ibindi bikorwa ngirakamaro ku benegihugu bitegerezwa kugumana ikibanza cavyo, mu makuru no mubiganiro. Aho twovuga nk’irima n’itera ry’agatasi vyuguruwe icese na Nyenicubahiro Umukuru W’igihugu mundwi iheze, ibikorwa bijanye n’ishirwa mungiro ry’umugambi w’imbonakazoza y’Uburundi, Uburundi igihugu cifashe mu mwaka wa 2040, giteye imbere mu mwaka wa 2060.
- Muvyo mukora, mwamane kumuzirikanyi itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshakuru n’ayandi mategeko agenga igihugu, ababere urumuri rwobatuma mushobora gukurikirana neza amatora yose azoba ndetse n’iyindi migambi y’ubuzima bw’igihugu.

Niharambe ibimenyeshamakuru bifasha mu gutsimabaza intwaro rusangi n’iterambere mu Burundi.
Murakoze, Imana ibahezagire.»