mardi, juin 3, 2025
Home IbidukikijeUburimyi Nibaturonse amafaranga ku mwimbu w’ibigori twashoye muri ANAGESSA

Nibaturonse amafaranga ku mwimbu w’ibigori twashoye muri ANAGESSA

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Abenegihugu bo muntara ya GITEGA, bashoreye umwimbu w’ibigori mukigo Anagessa mu kwezi kwa Mukakaro k’uno mwaka nyene basaba kurihwa kugira bashobore kwikenura, bakavuga ko batabona ingene bazokwitegurira irima ry’agatasi ryimirije, vyongeye ngo n’abana babarungitse kw’ishure bigoranye . Abo benegihugu basaba kandi ko ibigori vyegeranijwe vyosubizwa kw’isoko kuko utwo bari bikiye turi ku musozo.

Umwenegihugu twaganiriye agira ati « Nashoreye ibigori muri Anagessa mu kwezi kwa Mukakaro, ariko gushika ubu muri Nyakanga sindahembwa n’ubwo hariho abayaronse. Kurungika abana kw’ishure ntibinyoroheye kuko amahera nayaziga muri ivyo nashoye« 
Uwo murimyi abandanya asaba ko ico kigo cobaronsa amahera kugira bashobore kwitegurira n’irima ryimirije kuko ngo gushika ubu bataranaronka imbuto zirobanuye ndetse n’ifumbire; ikindi ngo bigori vyegeranijwe vyogarukanwa kw’isoko kuko ivyo bari basigarije vyaheze

banner

Olivier Bitegimana ,umuyobozi mukuru wa Anagessa amenyesha ko abarimyi batevye kurihwa kubera Reta yari yiteze ko hazoboneka umwimbu muke w’ibigori, ahubwo ica isanga wabaye mwinshi cane bica bisaba ko yongereza uburyo bwo kugura umwimbu. Akaba ahumuriza abarimyi ko bitazosubira bagiye kubitunganya. Kuri ico kibazo c’uko umwimbu waguzwe wosubizwa kw’isoko, Bitegimana Olivier agira ati: »Muzobimenyeshwa vuba aho umwimbu uzosubirira kw’isoko »
Hambavu y’ivyo, Mu ntara ya Muramvya eka no mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu bavuga ko ibigori vyatanguye kubura bagasaba ko ivyegeranijwe vyosubizwa kw’isoko, kuko bike bihari biranazimvye
Umwe mu badandaza akorera kuri Cotebu ati: « Ibigori biratuzimba kurangura, kuko ikiro kimwe tukigura amafaranga 1.900 canke 2.000BIF kandi aho tucungukako amahera 100BIF gusa. » Aho ni mu gihe abenegihugu babidandaza muri Anagessa ku mafaranga 1.700BIF. Kubw’uwo mudandaza rero ngo bigori vyegeranijwe bisubiye kw’isoko vyofasha, « kuko vyopfuma bizimba ariko bikaboneka »

You may also like

Leave a Comment