dimanche, septembre 7, 2025
Home InkinoAmakuru y'inkino Ihiganwa rya volleyballBeachWorldProTour: Ububirigi bwatahukanye igikombe mu bagabo, ubuyapani butahukana igikombe mu bigeme

Ihiganwa rya volleyballBeachWorldProTour: Ububirigi bwatahukanye igikombe mu bagabo, ubuyapani butahukana igikombe mu bigeme

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Ihiganwa mpuzamakungu rya volleyball ikinirwa kumusenyi, ryaraye rirangiye neza, bikerekana ko Uburundi bushobora kwakira amahiganwa yo kuri urwo rwego nkuko vyavuzwe na Serverin Mbarubukeye, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo urwaruka, inkino n’imico kama
Yabishikirije mu gihe hariko harasozerwa ibirori vy’iryo higanwa mpuzamakungu ryari rimaze iminsi 4 ribera mu gisagara ca Bujumbura kuva kuwa 11 Nyakanga 2024 gushika kuwa 14 z’uko kwezi nyene kuri Eden Garden Resort

Serverin Mbarubukeye, yarongeye ati : »Kubona Uburundi bwakiriye muri iryo higanwa ibihugu bivuye ku migabane nka yose n’ibintu bihesha iteka igihugu. Hari ibihugu vyavuye muri Afrika, muri Asia, America, na Europe, vyose bikaba vyahuriye hano iwacu. Murumva namwe ko ari ivyo gushima « 

Uwurongoye ishirahamwe rya VolleyBall mu Burundi Serges Ntakavura nawe yaragarutse ku bijanye n’ibibuga : »Aho abakinyi bakinira hari hateguwe neza ku buryo atakibazo cigeze kiboneka. Umusenyi waho wari umeze neza nka kumwe kwo mu mahiganwa mpuzamakungu ku buryo ata mukinyi yahakomerekeye

Iryo higanwa twobibutsa ko ribaye ku ncuro igira 2 mu Burundi (inyuma y’iryabaye mu mwaka uheze wa 2023) rikaba ryateguwe n’ishirahamwe ry’urukino rwa Volley Ball mu Burundi rifadikanije n’ubushikiranganji buraba iyinjira ry’uburundi mu karere k’ibiyaga vya Afrika, urwaruka, inkino n’imico kama.

banner

You may also like

Leave a Comment