
Ishengero ryose ritegerezwa kuba rifise ikibanza caryo bwite co gusengeramwo. Kirazira gutunganya amasengesho mu masaha y’akazi ataruhusha rwatanzwe, canke kugirira amakoraniro y’amasengesho mu mashure canke mu nyubakwa ziberamwo imanza, hagati y’amasengero 2, hategerezwa kuba hari uburebure bw’ikirometero , mu gihugu hagati, n’imetero 500, mu gisara . ishengero ryose ritegerezwa gutanga mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu, icegeranyo c’ibizorangurwa buri imyaka 5, kigizwe n’imigambi y’iterambere rigiye kurangura ryisunze intumbero n’imigambi igihugu cashizeho. rugasabwa gutanga buri tariki 30 nyakanga, icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka uba urangiye, muri ico cegeranyo hazoba harimwo , urutonde rw’ivyo ishengero ritunze, amafaranga yinjiye , n’ico yakoze, kumwe n’impapuro za banki zivyemeza,
ivyo nibimwe mubiri mw’itegeko rishasha numero 1 / 30, ryumukuru w’igihugu , ryo kuwa 16 nyakanga , umwaka w’2022, rigenga amadini n’amashengero muburundi. rigiye gutangura kuja mungiro kuva kuruyu wa 16 nyakanga 2024, nukuvuga inyuma y’imyaka ibiri riteweko umukono.

Muri iryo tegeko rishasha rigenga amadini, kuva ubu, kuba umurongozi w’ishengero runaka ntibikiri ivyabose. , Uwuserukira ishengero imbere y’amategeko , kumwe n’icegera c’iwe, basabwa kuba bafise n’imiburiburi urupapuro rw’umutsindo rw’igice ca mbere c’amashure ya kaminuza (baccalauréat), kandi batari munsi y’imyaka 30 y’amavuka. nayo abayoboye ibibanza bisengerwamwo bategerezwa kuba barize ivyigwa ndoramana vya Bibiriya , canke Ikorowani nkuko tubisanga mungingo ya 54 y’iryo tegeko. bategerezwa kandi kuba bafise ubwenegihugu bw ‘ubarundi, kandi bakaba baba mu Burundi nyene nkuko biri mungingo ya 10 y’iryo tegeko.
iryo tegeko ntiryasize inyuma , ibijanye n’inzego n’uburongozi mumashengero, aho kuja muburongozi bwishengero kutakiri ukwiyadukiza, nkuko tubisanga mungingo ya 20, Abarongozi b’amashengero bazoshirwaho habanje kuba amatora, bagatwara mukiringo c’imyaka 5 gishobora kwisubiriza. Ico ikiringo kirangiye, ariko ntihace hatunganywa amatora mumaguru masha, ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amashengero buzoca bwifatira ikibazo mu minwe, kugira amategeko yubahirizwe .

Iryo tegeko nyene riragenga ibijanye n’amafaranga, yaba imfashanyo canke ubundi buryo bwose buza bugenewe amashengero , aho ubu, bizosabwa ko buri shengero ritanga umuco ku nkomoko y’imfashanyo n’amafaranga rironka , kandi agakoreshwa ico yagenewe. mugihe ari imfashanyo zigizwe n’amafaranga aje ava hanze y’igihugu, ishengero ritegerezwa ku yamenyekanisha mu bushikiranganji bwintwaro yo hagati, kandi ayo mafaranga agategerezwa guca mw’ibanki nkuru y’igihugu.
izo mfashanyo zitegerezwa kugengwa n’amasezerano hagati y’uwuzitanga n’uwuzakira, maze urupapuro rumwe r’wayo masezerano rukarungikwa mu bushikiranganji bwintwaro yo hagati.
Amadini n’amashengero ategerezwa gutunganya imigambi y’ubutunzi, kwubaka amashure, amavuriro, canke ico cose giterera mwiterambere rusangi, Ategerezwa kandi kwama yubahiriza amabwirizwa ajanye no gukingira ikiremwa muntu mu burundi, co kimwe n’ibwirizwa rigenga amakori n’amatagisi.

Ivyo bishitse mu gihe , mu burundi , kumwe no mu bindi bihugu bitari bike vya afrika, hariko haribonekeza akajagari mu mashengero menshi atandukanye, indyane ,amatati no kwicamwo ibice, bikomeza kwiyongera hagati y’abemera Imana Imwe .