dimanche, septembre 7, 2025
Home Ibidukikije Kirundo : Hagunduwe ubutare bwanyegejwe kuva mu 1962

Kirundo : Hagunduwe ubutare bwanyegejwe kuva mu 1962

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Mw’ishamba rya Murehe, muri zone Gatare, komine Busoni y’intara ya Kirundo, hari inzira ica mu kuzimu (tunnel), ababirigi bahora bacamwo bagiye kwimba ubutare bwo mu bwoko bwa «Coltan » na «Cassitérite » , mu gihe c’ubukoroni . Ababirigi Babonye igihe co kwikukira kigeze mu 1962, aho bahora bimba ubutare baciye bahapfunga na Béton, mbere baranafurira kugira ngo umurundi ntaze yigere amenya ko higeze n’ikirombwe

Umukuru w’Igihugu Evariste NDAYISHIMIYE, yagendeye Murugendo Inkebuzo, muntara ya Kirundo yagendeye ishirahamwe BIMECO COMPANY, ricukura ubutare


Iyi nzira yabonywe muri za ngendo umukuru w’igihugu, Evariste_Ndayishimiye, amazemwo iminsi mu gihugu hagati yitiriye Inkebuzo. Yari yaramutse agendera i sosiyete BIMECO COMPANY isanzwe icukura ubwo butare muri ako karere. Baca baramwereka iyo nzira yakoreshwa n’ababirigi igihe c’ubukoroni.

Ndacayisaba Thomas, umwe mu banyamitahe baryo ahora aratuyagira ivyaranze ico kibanza, ubona ko gisanzwe kitari kizwi . agira ati :
« Abazungu bimvye ubutare bwa Cassitérite ngaha imyaka ishika 50, igihe twari mu bukoloni. Magingo babonye ko Uburundi bugira buronke intahe yo kwikukira, baciye bafata ikirombwe bacamwo bagiye kwimba, barakizibira bakoresheje Béton nk’uko muvyibonera, baraheza barafurira, kugira ngo ntihazogire n’uwuca ikanda ko hari imari ». Uwo mushingantahe amenyesha kandi ko ico kirombwe abazungu bimvye gipima imetero 250 ugendera mu kuzimu .

banner

Umukuru w’igihugu amaze kubona ico kinogo yagize ati  » birababaje cane kubona ababirigi ari bo bagenda baravuga ko Uburundi ari igihugu ca mbere gikenye kandi ari bo basize bazibiye itunga kama ry’igihugu kugira abarundi ntibazopfe bamenye ubutuzi bafise ngo maze batere imbere.  » Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE, yaciye aboneraho akaryo ko guhamagarira abarundi kumera magabo bacunge ubutunzi bw’igihugu, kuko , abo bari babizibiye, ubu ko vyamenyekanye , bashobora gukoresha abarundi badakunda igihugu kugira basubire babitobe. Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE, yamenyesheje ko , ivyo vyoha inguvu zina murundi wese kugira bashire ubumenyi n’iguvu hamwe. Gutyo, abarundi bashobore guteza imbere igihugu cabo.

N’aho abo bakoroni batwaye ubutare butari bukene, Ngendakumana Gaspard arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyerekanye ko ako gace k’ishamba rya murehe karimwo amatoni 12.700.000 ya Cassitérite, ayo nayo akaba afise agaciro k’imiriyaridi 50.000 z’amadorari y’abanyamerika .


Hagati aho, tubamenyeshe ko ibeteri ufise muri téléphone yawe uyikesha ubutare bwa Cassitérite, tutibagiye ko bimwe mubikoresho vyo gusudira nka vyose biva mu butare bwa Cassitérite aho bayikuramwo ubutare Étain,n’ibindi bitandukanye.

You may also like

Leave a Comment