
Umukuru w’Igihugu General Major Evariste Ndayishimiye yaratanguye urugendo bise inkebuzo, urugendo rwo gusanga kukivi urwaruka ruri mu buruhuko eka ndetse no kwifadikanya n’abegihugu , mu bikorwa vy’iterambere rusangi, mu mihingo itandukanye igize igihugu c’uburundi. Ni mugihe abagize reta y’uburundi bagiye kumara iminsi bari mu buruhuko.



co kurwiza ubworozi bw’inkwavu

Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 9 mukakaro 2024, muri commune Mugina ,mu ntara ya Cibitoke, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, mw’ijambo ryiwe ryogutanguza icese urwo rugendo yarakeje urwaruka kuko rwihaye intumbero yo guteza imbere igihugu muri ibi bihe vy’akaruhuko. Yarabibukije ko amahoro ariyo atuma bashika kw’iterambere. Yabasavye kutarekura iciza bafashe, yongera abasaba gukundana kuko arivyo bizotuma Imana ihezagira ibikorwa vy’amaboko yabo. evariste ndayishimiye , yarifadikanije n’urwaruka rw’abanyeshure bari mu buruhuko n’abenegihugu mu bikorwa vyo guca imikobeko ku mutumba Muyange, aho yaboneyeho akaryo ko kugendera ikibanza kiriko kirubakwamwo ikigo Sungura Net » co kurwiza ubworozi bw’inkwavu, aho biteze kuzorwiza inkwavu zigera ku 48000 buri mwaka. Ico kigo kikaba cashinzwe n’urwaruka ruva mu ntara zitandukanye z’igize UBurundi.
Mw’iyo ntara nyene ya Cibitoke, umugenzi w’urwaruka , Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yaragendeye kandi, umwigeme Divine Irambona ,wo muri komine Rugombo, yirangurira umugambi wo guhingura utumwanya akoresheje ibitûmbatûmba vy’ibitoke
Urwo rugendo, rukaba rwaciye rubandanirizwa muntara ya Bubanza, aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yagendeye ishirahamwe «BMC CHARK » ryo muri komine GIHANGA, rihingura ingwa zo kwandikisha, ryashinzwe n’urwaruka rufashwe mu mugongo n’ikigo PAEEJ .

Urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu, rwitiriwe inkebuzo, ruriko rurangurwa ku civugo » RWARUKA KEREBUKA DUKORE, DUSHIKANE UBURUNDI KU MBONAKAZOZA Y’UBURUNDI BWIFAHSE MU 2040 N’UBURUNDI BUTEYE IMBERE MU 2060 «