
Umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi, Amazina yiswe n’abavyeyi ni Théophile Niyukuri. Yavukiye mu gisagara ca Bujumbura mu 1981. Amashure mato n’ayisumbuye yayize mu gisagara ca Bujumbura nyene. Aca aminuriza mu gihugu ca Afrika y’Epfo, mu bijanye no guhinyanyura amajwi.
Théophile Niyukuri : Ni Muntu Ki ?

Théophile Niyukuri : akazina « Dudu » bakamwise ari muto kubera ibintu vyose yavyita « Dudu » baca barakamutazira gushika n’ubu. Yatanguye kuririmba afise imyaka 15. Yahereye kuri « Centre Jeune Kamenge« , yari mu runganwe rumwe na ba Kaka Boney« .
Mu nyuma abandaniriza mw’ishengero afise imyaka 18. Yasohoye « album » ya mbere mu 2012, yise « Sinicuza ». Indirimbo imwe muri iyo « album » yarahejeje gushira ahabona, niyo benshi bamumenyeyeko yise « Ntabe ari twebwe« . Yarabandanije asohora n’izindi « albums », ubu ageze ku ya gatatu.
Mu 2016, yahavuye yungururiza mu gihugu ca Kenya, niho yabandanije gukuza ingabirano yo kuririmba, akaba kandi asanzwe akora n’ivyo yigiye (guhinyanyura amajwi). Akandi kabirya afise, ni uko hambavu yo kuririmba no guhinyanyura amajwi, arazi no kuvuza igitari
Dudu aramaze gutahukana ubushimwe 3 no kuzunguruka mu bihugu bitandukanye kubera ingabire yiwe. Twovuga nko mu Rwanda, Ububirigi, Danemark, Suede n’Ubufaransa.
Igiteramo ciwe ca mbere, yagikoze mu mwaka w’2012, hari mu kigo ndangakaranga c’Abafaransa mu Burundi. Muri iri ici, azokora ikindi giteramo yise « Ayayayaaahh Concert », ku ncuro ya gatatu, azoba ari itariki 7 Mukakaro 2024 ku kibanza ca Source du Nil i Bujumbura.
Muri uno mwanya, hariko haragurishwa ama « tickets » agurwa 30 000 BIF, 50 000 BIF, 500 000 BIF hamwe n’umuriyoni umwe. Akarungo yashizemwo, ni uko igiteramo giheze, hategekanijwe amabisi azokunguruza abantu aja mu makaritiye babamwo.