dimanche, septembre 7, 2025
Home Imyidagaduro Umunsi wahariwe Umuziki : 21 Ruheshi

Umunsi wahariwe Umuziki : 21 Ruheshi

by H. Patrick Le Sage
0 comment

Kuwa 21 Ruheshi , Uko umwaka utashe , isi irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe UMUZIKI. Iyi tariki, iburaya ihura n’itariki itangurira igihe c’ici . Kwerekana ko umuziki ari uwa bose, atanumwe akumiriwe kuwuvuza, kuwumviriza, no kuwutamba, ni zimwe mu mvo nyamukuru z’ukubaho k’umunsi wahariwe umuziki.

banner

Inkomoko y’umunsi wahariwe Umuziki

JOEL COHEN , mumwaka w’1976 , yari umumenyeshamakuru kwisamirizi y’abafaransa FRANCE MUSIQUE
Jack Mathieu Emile Lang ( yavukiye mubufaransa kuwa 2 nyakanga 1939, yarabaye umushikiranganji w’imicokama mu bufaransa )
Maurice Fleuret Ponty yari umunyamabanga ajejwe Umuziki n’intambo

Umunsi mukuru w’umuziki ukomoka mu gihugu c’Ubufaransa. Tugerageje kwinjira mu mizi, dusanga uyo munsi wiyumviriwe ubwa mbere n’umunyamerika JOEL COHEN , mumwaka w’1976 , yari umumenyeshamakuru kwisamirizi y’abafaransa FRANCE MUSIQUE , niho yashikiriza iciyumviro c’uko hobaho umunsi wahariwe umuziki, ukazohimbazwa kumatariki abiri, n’ukuvuga kuwa 21 ruheshi, na 21 kigarama.
Mumwaka w’1982, Mu Bufaransa nyene, Jack Mathieu Emile Lang , yari umushikiranganji w’imicokama mu , Afadikanije na Maurice Fleuret Ponty yari umunyamabanga ajejwe Umuziki n’intambo, mw’ubwo bushikiranganji, bashije mungiro iciyumviro ca Joel Cohen

Kuki duhimbaza umunsi mukuru wahariwe umuziki ?

. Iciyumviro co gushiraho umunsi mukuru wahariwe umuziki , wogira cari gisanzwe, ariko vyahavuye bituma , abanyamuziki, baza barahurira mu mabaraba , no mubindi bibanza rusangi, kuruyo munsi, bakavuza ibicurarangisho bitandukanye. Uyo munsi warafashije mumvo zo gutezimbere umuziki, no guterintege abaririmvyi n’abacuraranzi ba caruka, kuja kugaragaza impano zabo mubibanza rusangi bihuriramwo abantu benshi, nko mu mabarabara.
Iyi ndi mvo ya iyo guha agaciro , ubutandukane bw’injana n’imidiho ivuzwa , kwereka ko umuziki ari uwa bose, atanumwe akumiriwe kuwuvuza, kuwumviriza, no kuwutamba, ni zimwe mumvo nyamukuru z’ukubaho k’umunsi wahariwe umuziki
.

Uyu munsi , umunsi mukuru wahariwe umusiki, urahimbazwa ahatari hake kwisi , no mu Burundi harimwo. Ibiteramo bitandukanye bikaba bitunganywa, muntumbero zo guhimbaza uyo umunsi .

You may also like

Leave a Comment