
Mu gihe gukurikirana imboneshakure biciye mu buhinga bwa none , vyashoboka cane kubari mu gisagara ca Bujumbura , mu yindi mihingo y’igihugu itandukanye ntibikunde, ubu , no mu gihugu hagati , abenegihugu bagiye kuzohora bakurikirana imboneshakure vyoroshe biciye kubuhinga bwa none , hifashishijwe ishirahamwe STNB ( SOCIETE DE TELEDIFFUSION NUMERIQUE DU BURUNDI ) vyashikirijwe n’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo gutumatumanako amakuru LEOCADIE NDACAYISABA , mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura icese ibikorwa vy’ishirahamwe STNB , rigiye gufasha mu kwerekana mu buryo bw’amasanamu n’amajwi , ibica ku mboneshakure n’insamirizi zo mu Burundi no mu makungu , biciye mu buhinga bwa none , ( SOCIETE DE TELEDIFFUSION NUMERIQUE DU BURUNDI )

Umugambi w’imboneshakure ikoresha ubuhinga bwa none tv numerique , uri mwihangiro ry’ikirangaminsi mpuzamakungu, muntumbero yo gushika kwiterambere rirama , n’ubuhinga bugezweho bwo gushikiriza amakuru biciye kumboneshakure n’insamirizi .
Umushikiranganji Leocadie NDACAYISABA , Yamenyesheje ko Ubwo buhinga buzogira akamaro, haba kubajejwe intwaro, kubimenyeshamakuru, kubacungera uko ibinyamakuru bikora, eka ndetse no kubenegihugu bose muri rusangi. Akaba yaboneyeho akaryo ko guhamagarira uwo wese , gukoresha neza ubwo buhinga , muntumbero yo kwiteza imbere.

Nayo uwurongoye ishirahamwe STNB, yemeje ko ubwo buhinga buzofasha mu gutorera umuti ikibazo c’icikagurika ry’imihora y’imboneshakure, gutyo abenegihugu bo mu mihingo yose y’uburundi bakazohora bakurikirana ukuri kwamye imboneshakure zose zo mu Burundi, no mu makungu biciye ku buhinga bwa none. « igiciro ca decodeur azoba ari kubuntu, ariko ukazosabwa kuriha amezi abiri y’ama unite ( abonement de 2 mois ) , ivyo tuzokwerekana bizoba bihuye n’imico n’akaranga vy’Uburundi » : vyashikirijwe n’uwurongoye STNB


Uwuserukira Ubushinwa mu Burundi, yibukije ko Uburundi n’Ubushinwa ari ibihugu bicuti kuva kera , kandi ko igihugu aserukira kizokora ibishoboka vyose kugira imboneshakure yo ku buhinga bwa none itsimbatare mu Burundi.
Mwiyo ntumbera , muri Mukakaro mumwaka wa 2022, reta y’Ubushinwa yaratanze ingabire y’amadecodeurs ya STARTIMES , agera ku kubihumbi ijana na mirongo icenda ( 190. 000) nkuko vyibukijwe n’uwuserukira Ubushinwa mu Burundi.

Tubibutse ko ishirahamwe STNB , rikomoka kw’ishirahamwe STARTIMES , ryafashije uburundi kwinjira mubuhinga bw’imboneshakure ikoresha ubuhinga bwa none , hari mu mwaka wa 2017, kumwe n’isamirizi n’imboneshakure nkuru y’igihugu RTNB .