
Uburundi bugiye gutangura gukoresha umuhora wa Internet , ifise umuvuduko uri hejuru, wo kurugero rw’urunganwe rwa 5G ( 5eme Generation ), umuhora wa internet ikomoka kubigendajuru ( satellites) vy’ishirahamwe Starlink , ishami ry’uruganda Space X , rw’umugwizatunga rutura , avuka mugihugu ca Afrika y’epfo « ERON MUSK .


Ishirahamwe Starlink Services Burundi ryemerewe gutanga no gukwiragiza internet iturutse kuri satellites


Nkuko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu , Numero 100 / 091 , ryo kuwa 30 rusama 2024, Umukuru w’igihugu c’uburundi General Major Evariste Ndayishimiye aha ishirahamwe Starlink Services Burundi, uruhusha n’uburenganzira vyo kuzana no gukwiragiza internet muburundi , ikomotse kuri satellite .

Mu kigo » ARCT » kijejwe gutunganya no kugenzura itumatumanako muburundi ( AGENCE DE REGULATION ET DE CONTROLE DES TELECOMMUNICATIONS ) , bemenyesha ko ubwo buhinga bugiye kuja mungiro vuba , kandi ko igikorwa co gutangura gisigaye muminwe ya Starlink.
Muhizi Samuel ,aramutswa ikigo ARCT ,agira ati : « tuzokora isuzuma inyuma y’amezi atatu ubwo buhinga bumaze gutangura , kandi umwenegihugu azoba afise uburenganzira bwo kwihitiramwo umuhora wa internet yipfuza , yaba uwaruhasanzwe , canke mushasha, bivanye n’uburyo afise. «

Mwomenya ko kuva muntango z’umwaka uheze wa 2023, abarundi bagera k’umuliyoni urenga gato aribo bakoresha umuhora wa internet ( 1,33 million d’internautes burundais) ; nayo abagera ku 714.700 nibo bakoresha imbuga hwaniro nka Facebook, Youtube, Twitter, Tiktok , Instagram n’izindi . nkuko biri mucegeranyo c’ikigo DATA REPORTAL . Aho ni mugihe hari imihingo itari mike igize igihugu c’uburundi, aho wasanga internet idashika, canke ugasanga iri kurugero rudashimishije . Umuntu akizera ko ico kibazo kigiye gutorerwa unyishu, hifashishijwe internet iturutse kuri satellite.

Kwisi yose , abantu barenga Imiliyoni zibiri n’ibice bitatu ( plus de 2,3millions ) ,bava mubihugu birenga 70 , nibo bakoresha umuhora wa satellites za Starlink zigera kubihumbi bitandatu (6000) ziri mukirere.
Nayo kumugabane w’Afrika , ibihugu nka Mozambique, Izinga Maurice, Sierra Leone, Zambia, Kenya, Urwanda, Nigeria n’ibindi, biza vyaramaze gutangura gukoresha ubwo buhinga .