Ikibazo c’ikena ry’amahera y’agaciro mva-makungu cibonekeza uno munsi mu Burundi kiragira ingaruka mbi ikomeye ku benegihugu nka bose muri rusangi . Akarorero ni kubasanzwe bakora umwuga wo kudandaza impuzu baziranguye hanze y’igihugu, bo mugisagara ca Bujumbura .
idandarizo ry’impuzu , mugisagara ca BujumburaAbo twashoboye kuyaga , basanzwe bakora uyo mwuga, baridoga ko bariko bakora bahomba » ubu ntitukija kurangura hanze y’igihugu , bitewe no kubura amahera y’agaciro, duca duhitamwo kurangurira kubandi bashoboye kuronka amahera y’agaciro » bishikirizwa n’umwe mubo twayaze adandariza ahitwa muri village market . Uwundi twashoboye kuyaga yamenyesheje ko kuva amahera y’agaciro atanguye kuba umuzi w’ibuye mu Burundi, n’abaguzi baciye bagabanuka ,
Tubibutse ko amahera y’agaciro aboneka iyo hari ivyimbuwe n’ivyahinguriwe mugihugu , hanyuma bigashorerwa mumakungu, Mu Burundi hari vyinshi Bishobora gushorerwa hanze , bigaheza bikazana amahera y’agaciro , aho twovuga nk’icayi, ikawa, ipampa, ubutare , ibindi .
None habuze iki ?
Bipfira hehe ?
- « CNC » (inama nkuru ishinzwe ivyo kumenyesha amakuru mu Burundi ) ihamagarira ibimenyeshamakuru gufasha mu gutsimbataza intwaro rusangi n’iterambere , na cane cane mu gihe c’amatora yimirije yo mu mwaka wa 2025.
- Nibaturonse amafaranga ku mwimbu w’ibigori twashoye muri ANAGESSA
- Francis ROHERO : Umuhinga mu vy’ubutunzi aratuyagira ivyotuma ubutunzi bw’Uburundi bwiyongera
- Nestor NTAHONTUYE : « Niyemeje gushira inguvu zanje zose mu kurwanira inyungu z’igihugu no guteza imbere ubumwe n’ukwiyunga kw’abarundi bose »